Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire: Abasirikare basubiye mu makambi yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Abasirikare basubiye mu makambi yabo

Cote d’Ivoire: Abasirikare basubiye mu makambi yabo

lundi 9 Nzero 2017

Inyuma y’iminsi ibiri abasirikare b’igihugu ca Cote d’Ivoire bihereje amabarabara ,bagafata kandi ibici bimwe bimwe vy’igisagara ca Bouake basaba kwongerwa imishahara, basubiye mu makambi, umukuru w’igihugu ahejeje gushikiriza ijambo.

Abo basirikare basaba kwongerwa imishahara, gutunganya neza ingene babayeho no gusubiramwo ibijanye n’amapete.Kuwa gatandatu igenekerezo rya 7 Nzero 2017, umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yatangaje ko bashitse ku masezerano kuvyo basaba.

Umukuru w’igisirikare mu gihugu ca Cote d’Ivoire nawe yari yifatanije n’abasirikare kuja mw’ibarabara, yavuze ko abasirikare bose bavuye mu mabarabara kandi ko bari mu makambi yabo barindiriye imishahara.

Ababa mu gisagara ca Bouake,ahabereye iyo myiyerekano y’abasirikare bavuga ko ubuzima bwasubiye kuba nkuko bwahora,kuko amamangazini n’amabarabara vyuguruwe.


IGIHE

Messages

  • Abasoda b’Abarundi murindiriye iki?nimugire vuba musohoke mu makambi yanyu nkaba Ivoirien

  • @Muhima
    Ushaka abarundi bamere nka des Ivoiriens???!!! Urabahenze. Ariko kandi umenye ko iyo inkuba ikubise ihitana umwansi n’umukunzi.

  • Kumbe igisirikarecabahoze kurugamba ahandi kirahembwa muburundigonihobatazohembwa? bobabihenze bocabakorana nuwubahitanye

  • Abasirikare ba COTE-d-Ivire_ninserukarukavye bakozerugabo, naba basisirikare bacu baribakwiye nabonyene kumuhagurukira cane NKURUNZIZA PETERO bakongerwa umushahara ukwiye, kuko uravye ubuzima bwabasirikare bongaha mu Burundi burateye isoni!, mumategeko umusirikare wuburundi wanyuma yarakwiye guhebwa umushahara ungana na $700 dora yabanyamerika burikwezi. Bivamye nubukene bafise usanga uwitwa ngonumusirikare usanga ahavuka ntaninzu afise yarabuze amahera yukubakisha, yitwa ngo arimugisirikare careta!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.