Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yambitswe izera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yambitswe izera

Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yambitswe izera

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare yo muri Côte d’Ivoire yambitse izera Simone Gbagbo, umugore wa Laurent Gbagbo yahoze ari umukuru w’ico gihugu, ubu akaba ariko aburanishirizwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande.

Simone Gbagbo yagirizwa ko yashigikiye umugabo wiwe mu kugumura abari bamushigikiye, bakica abatavuga rumwe nawe.

JPEG - 29.1 ko
Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurent Gbagbo

Uwo mutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu yari yasabiwe ko yopfungwa ubuzima bwiwe bwose, yagirizwa ihohoterwa rya kiremwa muntu, ivyaha vyo mu ntambara, gufata ku nguvu, hamwe n’ukubangamira umutekano w’igihugu.

Sentare yamenyesheje kuri uwu wa kabiri ko ivyo vyaha bitamwagiriye, asabirwa kurekurwa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.