Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji yarekuwe ivy’agateganyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji yarekuwe ivy’agateganyo

Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji yarekuwe ivy’agateganyo

jeudi 8 Ruheshi 2017

Umushikirazamanza mukuru wa Repuburika w’i Abija Aly Yeo mu ntahe y’icese yashashe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya7 ruheshi 2017 yavuze ati : « Mu gihe Hubert Oulaye yokwisigura bihagije nta nkeka yorekurwa vy’agateganyo »

Abagiriza Hubert Oulaye bashize ahabona icegeranyo cemerera Hubert Oulaye kurekurwa vy’agateganyo, gutyo umushikiranganji Hubert Oulaye abona kwidengemvya.

Mu mwaka w’2015, niho umushikiranganji Hubert Oulaye yafashwe yagirizwa ubwicanyi hamwe no kugira uruhara mu bwicanyi bwakorewe mu burengero bw’ico gihugu ku ntwaro ya Laurent Bagbo.

Mu mwaka wa 2012, abasirikare 7 bava mu gihugu ca Niger bakorera ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abantu 8 biciwe hafi y’ahitwa i Gugriyo mu ntara uyo mushikiranganji asanzwe avukamwo.

Mwomenya ko umushikiranganji Hubert Oulaye azobandanya yitaba ubutungane yidengemvya, ariko akaba ata genekerezo ryashikirijwe azokwitabirako.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.