Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du Monde2018 : Uburusiya bwatsinze Arabie Saoudite mu rukino rwa (...)
Coupe du Monde2018 : Uburusiya bwatsinze Arabie Saoudite mu rukino rwa mbere
vendredi 15 juin 2018
Urukino rugitangura imirwi yose yakina yerekana ko ikeneye gutsinda, naho nyene umurwi w’Uburusiya warushije uwa Arabie Saoudite kuva ku minota nka 15 y’urukino.
Ku munota wa 11 w’igice ca mbere, umurwi w’Uburusiya winjije igitsindo ca mbere, ku munota wa 43 winjiza ica kabiri, gutyo igice ca mbere gihera umurwi w’Uburusiya ufise ibitsindo bibiri ku busa.
Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi w’Uburusiya wazanye inguvu n’ubuhinga, inyuma y’umwanya muto igice ca kabiri gitanguye, umukinyi Artem Dzyuba yinjije igitsindo ca gatatu.
Umurwi w’Uburusiya wishimikije inkomezi z’abakinyi, mu mpera z’urukino winjije ibitsindo bibiri, kimwe ku munota wa 73 cinjijwe na Denis Cheryshev ku munota wa 90, Aleksandr Golovin aba ariwe asozera mu minota y’inyongera.
Urukino ruca ruhera ku ntsinzi y’umurwi nserukiragihugu w’Uburusiya ku bitsindo bitanu ku busa bw’umurwi nserukiragihugu wa Arabie Saoudite.
Kur’uno wa gatanu, hategekanijwe inkino zitatu : Misiri ikina na Uruguay isaha umunani, Maroc ikine na Iran isaha icumi, mu gihe Portugal ikina na Espagne isaha zatatu z’ijoro.
MUGISHA Van Naris
Messages
15 juin 2018, 17:34, par hakizimana thewogene
Andika hano ndasaba kobobandanya urukinorwiza