Home > Inkino > FOOTBALL > Coupe du monde 2018 : Ubwongereza na Suede vyashitse mu gice ca kane (...)
Coupe du monde 2018 : Ubwongereza na Suede vyashitse mu gice ca kane gishira icanyuma
Wednesday 4 July 2018, by
Igihugu ca Suede catsinze igihugu c’Ubuswise igitsindo 1 k’ubusa bwa Suisse,igitsindo cinjijwe n’umukinyi Emil FORSBERG k’umunota wa 66 w’urukino.
Igihugu c’Ubwongereza catsinze igihugu ca Colombie bitoroshe na gato kuko umwanya utegekanijwe w’urukino warangiye iyo mirwi uko ari ibiri ingaya igitsindo 1 ku kindi mu nyuma ihabwa iminota 30 « Prolongation » iheza inganya, iza gutaturwa na za penaliti aho igihugu c’Ubwongereza cinjije 4 igihugu ca Colombie naco cinjiza 3,ubwongereza buca butahukana itsinzi.
Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Suede gihambije ibihugu 6 mu gice ca kane gishira icanyuma arivyo Ububirigi,Bresil,Ubufaransa,Uruguay,Uburusiya hamwe n’igihugu ca Croatie.
IGIHE