Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CoupeDuMonde2018: Urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira icanyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > CoupeDuMonde2018: Urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira icanyuma (...)

CoupeDuMonde2018: Urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira icanyuma ruratangura

Tuesday 10 July 2018, by vianney

Urundi rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma rwitezwe ku musi w’ejo igenekerezo rya 11 Mukakaro 2018 rukazohuza igihugu c’Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Croatie.

Abakwirikiranira hafi ibijanye n’umupira w’amaguru baha amahirwe menshi igihugu c’Ubufaransa ko arico gishobora gutahukana intsinzi ariko naho biruko igihugu c’Ububirigi cagiye kivyifatamwo neza kuva iki gikombe gitanguye kandi kikaba carakuyemwo ibihugu bitari bike vy’ibihangange nka Bresil n’ibindi.

Mu ntumbero yo kunezereza abakunzi bayo,ishirahamwe BRARUDI rifatanijwe n’Iradiyo Buja Fm muvyo bise “Primus Ubugenzi Mw’ihiganwa ifadikanije na BUJA FM” baraja kubashikiriza ikibiriraho urukino ruja guhuza Ubufaransa n’Ububirigi mu bibanza bikurikira ,Kumuganuro 2 – muri zone ya Bwiza ( Buja FM ) Milan Royal – mu Kamenge, hamwe na Kubahumure - mu Kanyosha

K’urukino ruzohuza igihugu ca Croatie n’igihugu c’Ubwongereza kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2018 bazorubashikiriza ikibiriraho mu bibanza bikurikira Milan Royal – mu Kamenge (Buja FM),Bundes Liga Bar – mu Bwiza hamwe na La douceur – muri Rohero 1.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.