Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cuba : Miguel Diaz-Canel yasubiriye Raul Castro mu kurongora (...)
Cuba : Miguel Diaz-Canel yasubiriye Raul Castro mu kurongora igihugu
jeudi 19 avril 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Miguel Diaz-Canel afise imyaka mirongo itanu n’itanu yize ivyerekeye ubuhinga, akaba agiye gushikira ubutegetsi inyuma y’inama idasanzwe yo kumwemeza.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha kandi ko, uguhererekana ubutegetsi kuje kurangiza imyaka irenga 60 y’intwaro ya Castro na mwenewabo Fidel, yari ku murongo w’imbere mu kwigarurira ubutegetsi mu mwaka w’1959.
Umukuru w’igihugu mushasha wa Cuba, asa n’uwushaka ko abantu bisanzura akaba akunda ubuhinga bugezweho n’aho atawiteze ko intwaro y’umugambwe umwe ashobora kuyisezerera muri ico gihugu.
MUGISHA Van Naris