Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Daniella NIYIBIMENYA:’’Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Daniella NIYIBIMENYA:’’Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye’’

Daniella NIYIBIMENYA:’’Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye’’

mercredi 19 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE tumusanze ku kibuga ca Centre Technique kiri muri zone Ngagara, mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2017, Daniella NIYIBIMENYA yavuze ko abakinyi bose batumweko bari mu mwiherero kandi babandanya kugira imyimenyerezo.

Umumenyereza yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu gikorwa co kumenyereza umurwi nserukiragihugu hatobura utugorane, ariko ko gushika kuri uno wa gatatu ivyo basavye vyose vyo gufasha umurwi babironka.

N’aho vyabafashe igihe kitari gito kugira bamenyerane, Daniella NIYIBIMENYA amenyereza umurwi nserukiragihugu w’abigeme amenyesha ko ubu abakinyi bagize umuryango, bakorana neza kandi babanye neza mu mwiherero.

Daniella NIYIBIMENYA avuga ko hari icizere co gutsinda urukino rwo ku munsi wa gatandatu, ariko mu gihe bobifashwamwo n’abarorezi hamwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru, babicishije mu kubashigikira.

JPEG - 80.2 ko
Daniella NIYIBIMENYA amenyereza umurwi nserukiragihugu w’abigeme

Yavuze ati : «Turashoboye. Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye, abarundi bazodushigikire kuko nibo bagira umukinyi wa 12.»

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu ’’Intamba mu Rugamba’’ w’abigeme n’uwa Djibouti ruzoba kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.