Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP ashobora kutazokwemera ibizova mu matora
Donald TRUMP ashobora kutazokwemera ibizova mu matora
jeudi 20 Gitugutu 2016, par
Donald Trump asanzwe ariwe azoserukira umugambwe w’aba Republicains mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yahakanye gutomora namba azokwemera ivyavuye mu matora, mu gihe yoramuka atsinzwe.
Mu kiganiro ca nyuma camuhuje n’uwuserukiye aba Democrate, Hillary Clinton, Donald Trump yasubiyemwo ivyo yama avuga vy’uko uburyo bwo gutora burimwo ubusuma. Yamenyesheje ko azobanza kurindira kugira abanze arabe ibiba, imbere y’ukwemeza canke guhakana ivyavuye mu matora.
Inyuma y’ukwumva ivyo, Hilary Clinton yavuze ko ari akamaramaza kubona uwo bahiganwa avuga ibintu nk’ivyo, amwagiriza kuba ariko aratukisha demokarasi ya Amerika, nk’uko tubikesha BBC.
Hilary Clinton yagirije Donald Trump kuba ari igikinisho c’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Putin.
Donald Trump nawe akaba yagiriza Hilary Clinton kuba ariwe yateje akaguma mu kwiyamamaza kwiwe.
IGIHE
Messages
20 Gitugutu 2016, 16:20, par Karorero
Hahahahahhh!!!!ewe usa urahumba uraba mateka ngivyo nimwiyunvire twavuga ngu rwanda nigoruduhungabaniriza umutekano ngo shwii naw clintobn ngo Trump ngo nigikoresho ca Nyakubahwa umubyeyi wa Africa Putin niyirambire aho bukera amarica turayikanjakanja kurya kurutore ntakabuza mubitege amaso.
20 Gitugutu 2016, 17:18, par Hutsi
Urevye nyene ukuntu itangazamakuru ritangatanga uwomutama Trump ntiyobora kugira amakenga, mengo nicagihe abamenyeshamakuru bongaha Burundi baribiteguriye itembagazwa ryubutegetsi bwa Nkurunziza .
20 Gitugutu 2016, 17:50, par nyandwi
mwavugako america aragakomeye none naho birmeze uko??? bwabundi ntakigenda muri kabandi hageze mumatora ntahobidacika kandi urupfu nimpfane bitajana