Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP yasabwe kudahagarika amasezerano ya nucleaire na (...)
Donald TRUMP yasabwe kudahagarika amasezerano ya nucleaire na Iran
mercredi 30 Munyonyo 2016, par
Umukuru wa CIA yagabishije umukuru w’igihugu wa Amerika aheruka gutorwa, Donald Trump ko guhagarika amasezerano ya nucleaire na Iran kazoba ari "akaga" kandi ko bwoba ari "ubusazi".
Kuri BBC, John Brennan yahanuye kandi Donald Trump kwiyubara kuvyo Uburusiya bwabemereye, yagiriza ico gihugu amabi menshi akorerwa muri Syria.
- John Brennan
Mu myiyamamazo yiwe, Trump aragabisha gufuta amasezerano ya Iran kandi ko azokorana cane n’Uburusiya.
Mu kiganiro ca mbere n’umukuru wa CIA kuri BBC, John Brennan yadondaguye ibintu ubutegetsi bushasha bukeneye gukorana "ubwitonzi n’ukwiyubara" - ivyo birimwo imvugo ikoreshwa ku vyerekeye iterabwoba, imigenderanire n’Uburusiya, amasezerano ya nucleaire ya Iran.
IGIHE
Messages
30 Munyonyo 2016, 21:31, par ntahonkuriye emanuel
Non America vyose ivyitamwo ibabuza nkande abobobo bangunyumutwe bazogomorana.
1er Kigarama 2016, 08:15, par PC
ishari nirib
1er Kigarama 2016, 09:26, par Fidele Sinzobakwira
Kirazira Gutuka Umuntu Nkawe Yaremwe Mwishusho Y’IMANA kuko uba ucumuye kandi Imana Izobiduhanira
1er Kigarama 2016, 19:48, par Nema
None Bagomba Atware Nka Obama Mukuvuruga Isi ?
1er Kigarama 2016, 19:49, par Nema
None Bagomba Atware Nka Obama Mukuvuruga Isi ?
2 Kigarama 2016, 03:58, par steve
Ntabana barimwo
2 Kigarama 2016, 06:01, par Hm
Amerika rero igiye yaronka umutware akomeye kiretse bihindutse munyuma
2 Kigarama 2016, 06:01, par Hm
Amerika rero igiye yaronka umutware akomeye kiretse bihindutse munyuma