Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe

Donald TRUMP yatanguye kugena abazokorana nawe

lundi 14 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika yagenye umukuru w’umugambwe w’aba republicains, Reince Priebus, mu mabanga yo kurongora abandi bakozi mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Abamenyeshamakuru bavuga ko igenwa rya Piebus rishobora gushavuza bamwe mu bamushigikiye, bikaboneka ko ubutegetsi bwimirije bushaka gukorana neza n’inama nshingamateka, kuko uwo Priebus afitaniye ubucuti n’umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan.

JPEG - 263.7 ko
Donald TRUMP, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika

Stephen Bannon, yahora arongoye ikigo ca Breitbart News, urubuga ngurukanabumenyi ruriko ivyiyumviro vy’aba republicains, nawe yagenywe kuba umuhanuzi wa Trump mu vyerekeye imigambi.

Mw’itangazo ryiwe, nk’uko tubikesha BBC, Donald Trump yavuze ko Priebus na Bannon ari abantu bafise ibintu vyinshi vyo gushima, bakoranye akazi mu gihe co kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.