Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump yasavye Theresa May kurwanya iterabwoba mu gihugu
Donald Trump yasavye Theresa May kurwanya iterabwoba mu gihugu
jeudi 30 novembre 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasavye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza kwitaho iterabwoba ribera mu gihugu arongoye.
Abicishije ku rubuga rwa Twitter Donald Trump Yavuze ati :"Nturabe cane jewe, niwiteho iterabwoba rikwiragizwa n’imirwi ifise ivyiyumviro bikaze ribera muri ico gihugu."
Umukuru w’igihugu Donald Trump yaheruka kurungika amasanamu atatu bivugwa ko zibiba urwanko yari yashizwe ku rubuga rwa Twitter n’iyo mirwi mu gihugu c’Ubwongereza.
Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yavuze ko uwo mukuru w’igihugu yakoze amakosa.
Naho ivyo vyose vyabaye, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubwongereza biracuditse bikoye kandi bivuga ko ubwo bucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri budasanzwe.
Ubwo bucuti budasanzwe buza gushimangirwa n’uko umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza ariwe yabaye umutegetsi wa mbere wo mu bindi bihugu yabonanye na Donald Trump abaye umukuru w’igihugu.
MUGISHA Van Naris