Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump yemeye guhurira na Kim Jong Un mu karere kataberamwo (...)
Donald Trump yemeye guhurira na Kim Jong Un mu karere kataberamwo intambara
mercredi 2 mai 2018
Muri uwo mubonano utari bwabeho muri kahise k’ivyo bihugu, vyitezwe ko bazoganira ku bijanye no guhagarika ibikorwa vyo gukora ibirwanisho ruhonyanganda, naho impande zose zitabihurizako.
Haraheze hafi amezi abiri, abaserukira igihugu ca Koreya ya Ruguru bakoze urugendo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bajanye ubutumwa busaba umukuru w’igihugu Donald Trump ko yobonana na Kim Jong Un , kandi aravyemera.
Umwe mu begereye umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru CNN, ko bishoboka ko bahurira mu kibanza, umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo yahuriyemwo n’uwa Koreya ya Ruguru, mu ndwi iheze.
Bivugwa kandi ko, muri ico kibaza hafise vyinshi hasigura ku mukuru w’igihugu wa Koreya ya Ruguru, ariko kandi ko hokworohereza abamenyeshamakuru, kuko bamaze no gushikanaho ibikoresho.
Umwe mu basirikare bakomeye ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye CNN ko ku ruhande rwa Amerika, guhurira muri ico kibanza bitabatangaje cane, kuko mu biganiro Donald Trump yagiranye na mugenzi we Moon kuri terefone babivuganyeko.
MUGISHA Van Naris