Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala

EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala

mardi 24 octobre 2017

Uwo mwiherero w’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bitegekanijwe ko uzotangura kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 i Kampala ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda.

Amakuru ava mu begereye ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko uwo mwihorero ufise intumbero kandi yo kurabira hamwe ukwo hokwongerezwa inguvu mu gushika kw’ihangiro ry’iterambere ry’ishirahamwe gushika mu mwaka wa 2063.

Muri iyo nama, bitegekanijwe ko abantu barenga 1000 aribo bazoba bitavye ,abo nabo bakaba bagizwe n’abashikiranganji, abafasha hamwe n’abandi, izobamwo kandi umwiherero w’abakuru b’ibihugu, habemwo kandi inama ya mbere y’ishirahamwe EAC izokwiga k’ubudandaji mu bijanye n’amagara y’abantu,ibiganiro hagati y’abanyamitahe n’abafasha mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ihayanishwa mpuzamakungu.

Mw’itangazo ry’Ubunyamabanga bwa EAC,iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo nama ku bijanye n’amagara y’abantu kazoba akaryo ko gutorera inyishu ikibazo c’indwara zibandanya kwibonekeza mu karere ka Afrika y’Ubuseruko nka malariya, umugera wa Sida n’igituntu, ibibazo vyugarije amagara y’abana n’abavyeyi, indwara zitandukira nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kansere n’izindi ziterwa n’ihindagurika ry’ibihe.

Ubunyamabanga bukuru bwa EAC bumenyesha ko uwo mwiherero uzokwiga kandi ingene imigambi yoshirwa mu ngiro biciye mu gushiraho poritike igenga iyo migambi,kurondera amafaranga akenewe hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’inzitizi zotuma iyo migambi itaja mu ngiro,kuko imigambi myinshi ishitse ku rugero rwo gutangura kuja mu ngiro.

Imyiherero itatu y’abakuru b’ibihugu vya EAC niyo imaze gutunganywa, mu ntumbero yo gushira akarere hamwe,guteza imbere ubutunzi n’imibereho myiza y’ababa mu karere. Umwiherero wa mbere wabaye mu mwaka wa 2008,uwa kabiri mu mwaka wa 2012,uwuheruka wabaye mu mwaka wa 2014.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nivyiza cane ko abakuru b’ibi bihugu bakoranira hamw kugira ngo bihweze kandi bigire hamwe ibibazo bihanze akarere kacu,ariko rero ikintere ubwoba n’amakenga n’uko ibibazo nkora mutima ataco bagomba kubivugako kandi muvyukuri ariryo soko ryavyose.Nageraeje gusoma neza arko ntanahamwe nabonye bavuga kubijanye na politik haba muri Kenya haba Uganda ndetse nahandi.jewe bituma nibaza nti vyo ntabibazo babona vyoteza ?

  • ngirango noneho nkurumbi azikubita agashi aze yaseruka agere aho bagenzi biwe bazoba bateraniye.

  • bihutire umutekano wa karere kuko mu karere atamahoro ariho,iterambere rihinduka indoto

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.