Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC: Kuva mu mwaka wa 2024 ibihugu bizokoresha ifaranga rimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC: Kuva mu mwaka wa 2024 ibihugu bizokoresha ifaranga rimwe

EAC: Kuva mu mwaka wa 2024 ibihugu bizokoresha ifaranga rimwe

mardi 21 Ntwarante 2017

Kuva mu mwaka wa 2024, ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko rizoba ritanguye gukoresha ifaranga rimwe rizofasha ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko gukora urudandazwa no guteza imbere ubutunzi bw’akarere .

Mw’itangazo ry’ubunyamabanga bukuru bw’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, bumenyesha ko ibanki nkuru y’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko izoshirwaho mu ntumbero yo guhuriza hamwe ibijanye n’ubutunzi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ikinyamakuru Daily News canditse ko iyo ngingo yo gushing ifaranga rimwe rikoreshwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko iri mu zizokwigwa mu nama yiga ivyo ubutunzi hamwe n’inama igira 35 izohuza abashikiranganji bajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko ku magenekrezo ya 30 Werurwe kugeza kuwa 4 Mata 2017.

Hamwe uwo mugambwi woja mu ngiro, bitegekanijwe ko iyo banki y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko izokwubakwa mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya kandi ikorere aho nyene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.