Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umurundi yabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryo kwandika rihuza abanyeshuri bo (...)
Umurundi yabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryo kwandika rihuza abanyeshuri bo muri EAC
lundi 22 Rusama 2017
Ako gashimwe katanzwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 20 Rusama,umwaka wa 2017, mu nama igira 18 ihuza abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yabaye kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 20 Rusama,umwaka wa 2017.
Igihugu c’Uburundi cabaye ica mbere n’amanota 83 kw’ijana, Ubuganda bwabaye ubwa kabiri n’amanota 82 kw’ijana, igihugu ca Kenya ica gatatu n’amanota 78 kw’ijana, Tanzaniya cabaye ica kane n’amanota 75 kw’ijana, igihugu ca nyuma cabaye Urwanda n’amanota 70 kw’ijana.
Tite IRUKWAYO yiga kw’ishure ryisumbuye rya Makamba riri mu ntara ya Makamba, yagiye gutora agashimwe aherekejwe n’umuyobozi w’ishuri André Nininahazwe.
Messages
25 Rusama 2017, 08:53, par Bazonkiza Guy Claude
Turamukeje Imana Igume Imufasha Abandanye
29 Rusama 2017, 07:34, par Guy Claude Mulh
Turamukeje Abandanye Neza