Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EALA: Abashingamateka bashobora kuzotorwa n’abanyagihugu bose
EALA: Abashingamateka bashobora kuzotorwa n’abanyagihugu bose
samedi 1er Mukakaro 2017
Abahinga bavuga ko mu gihe vyokorwa ukwo,bizotuma hadasubira kuba ukutumvikana ku bijanye nabo borungika ,mu migambwe ya politike yatanga abaja mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA.
Umuvugizi w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, Bobi Odiko, yabwiye ikinyamakuru The East African ko inama nshingamateka ya EALA itarwanya uburyo bushasha bwo gutora kuko ari imwe mu nzira zishobora gutuma abanyagihugu ba Afrika y’Ubuseruko baserukirwa uko bavyipfuza.
Bobi Odiko avuga ko abashingamateka ba EALA basavye kandi ko ivyohinduka vyokwisunga ku kwongereza igitigiri c’abaserukira igihugu cose bakaba 15, mu gihe bahora ari 9.
Amasezerano y’ishirwaho ry’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko avuga ko igihugu giserukirwa n’abashingamateka icenda, kandi 30 kw’ijana bakaba ari abakenyezi, bagatorerwa imyaka itanu ishobora kwongerwa rimwe gusa.
MUGISHA Van Naris