Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EALA:Umushingamateka aserukira Uburundi arashima ingene bakiriwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EALA:Umushingamateka aserukira Uburundi arashima ingene bakiriwe (...)

EALA:Umushingamateka aserukira Uburundi arashima ingene bakiriwe m’Urwanda

vendredi 17 Ntwarante 2017

Umushingamateka Yves NSABIMANA aserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA arashima ingene bakiriwe mu gihugu c’Urwanda ahari haheze iminsi 10 habera ibikorwa vy’ inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Mw’ijambo yashikirije mu gihe inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yariko irangiza ibikorwa vyayo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017, umushingamateka Yves NSABIMANA yavuze ko yashima ingene yakiriwe mu gihugu c’Urwanda.

Yves NSABIMANA yamenyesheje ko ashimira kandi umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Arika y’Ubuseruko EALA hamwe n’abashingamateka baserukira Urwanda muri EALA bamufashije kwitaba ibikorwa vy’inama.

Umushingamateka Yves NSABIMANA yasabiye umukiru w’igihugu c’Urwanda,inama nshingamateka y’Urwanda hamwe n’abashingamteka baserukira Urwanda muri EALA ko Imana yobamuhembera.

Mu gihe Uburundi buserukiwe n’abashingamateka 9 mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, abashingamateka 5 baranse kuja mu gihugu c’Urwanda bavuga ko bafise amakenga ku mutekano wabo, ariko umwe muri bo yahavuye afata ingingo yo kwitaba ibikorwa naho atarangije ibikorwa kubera amagara Atari yifashe neza.

Ibikorwa vy’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko vyatanguye kw’igenekerezo rya 6 birangira kurya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.


IGIHE

Messages

  • NI BAGARUKIRE UBURUNDI NAYAHANDIHO MARARIYA INZARA TURAHERA!

  • Kugendana amakenga sibibi, nacanecane kubakeba.

  • Nonabanse kugenda ngobatinya kugirirwanabi, nurwanda ubu ntibamaramara kuvyo bavuze, igihe bagenzi babo bagarutse impore!?,burya abategetse bongahiwacu nti baratahura abarongoze burwanda uko bameze, nabantu bihangana, nubwo woba waratutse azokureka uzorwa kubandi. Noneho surwanda rutukwa rwonyene, amakungu yirirwa aratukwa, bwaca kabiri bakambambira babaronderako imfashanyo ya mahera, kubwivyo nukuza barabihanganira, kuko iyumuntu ya maze imyaka myishi mwishamba haribintu bimwebimwe atakaza mumutwe, kubwivyo tubonye aba CNDD FDD ivyobakoze bigayitse tahura kumyaka bamaze mwishamba, ivyiyumviro, nimyifato, nindero, bitandukanye nivyumuntu atabaye mwishamba. Akarorero umwana womwibarabara, nuwirirwana numuvyeyi, indero ibimwe?, Na CDDD FDD bategerezwa rero gukora ibisa nivyumana atarerewe murufasoni.

  • Uyu mudepide wu murundi wakozs gushima kandi abanyarwanda twishimira kwakira neza abanyamahanga byagera ku baturanyi n’abanywanyi b’abarundi bikaba akarusho. Kuvuga neza u Rwanda uri umurundi ni ikibazo Imana ikurinde wowe n’umuryango wowe wose. Mureke dusenyere umugozi umwe maze duterimbere nk’akarere.

  • NGO UMUSHINGAMATEKA WUMURUNDI NGOYAKIRIWE REZA GUSUMVYA UKWOBAKIRIWE ABANDI!!!???
    Ahorero wosanga abanditsi nabamenyeshamakuru baciye bishirirako akantu kogukokeza!?
    Jewe nagira yarinama ihuriwemwo nabashingamateka bibihugu vyose 5 none ivyovyogushima kugatwe kumuntumwe bijegute?
    IKINTU YOVUGA KUGATWEKIWE NKEMERA NUKO YARIKUVUGA KWABABAJWE NOKUBONA IGIHUGU YITABIRIYEMWO INAMA CARASIYE ABAROVYI BABARUNDI ASANZWE ASERUKIRA, MAZE AGASABA BAGENZIWE KUBANZA BAKANUMA NKUMUNOTA UMWE.

  • bamwe Bavuga nabi u Rwanda Ko Nta comment?hahaha

  • Raba sha fraicheur y’Ingoro y’Abadeputes iko isa neza,ureke vyabizu vyo mu Kigobe bitanasigwa irangi,DD mwaragaraye,ujinga mzigo,bravo le Rwanda

  • Ko mudatanga ibitekerezo ? Natwe turamushimira kubwo gushima tukaba tumusabye kubwira bagenzibe ingene umutekano ariwose mu rwanda , tukongera kumusaba ko yakwitonda ageze mu burundi kuko reta ya nkurunziza ishobora kumugirira nabi canke akaburirwa irengero bitewe nuko yagaragaje gushima
    Imana izakuzigame

  • Ko mudatanga ibitekerezo ? Natwe turamushimira kubwo gushima tukaba tumusabye kubwira bagenzibe ingene umutekano ariwose mu rwanda , tukongera kumusaba ko yakwitonda ageze mu burundi kuko reta ya nkurunziza ishobora kumugirira nabi canke akaburirwa irengero bitewe nuko yagaragaje gushima
    Imana izakuzigame

  • Bamwe birirwaga batukana barihe? Bamwe bataye indero barihe? Turashima uyu mushingamateka wabaye umugabo akavuga ukuri

  • Nashaka kubaza abanyarwanda nimba atari abarimwo barabiyitirira bakandika nkivyombonye muvyukuri nimbamukeneye kwibihugu vyacu vyongera kubananeza mwohindura imvugo kuko nkibimbonye mwanditse mwisubiriza mwongera mukoresha namazina yabandibantu nkakarorero nuwakoresheje izinaryanje , muvyukuri jewe narinzi koturiko turirukanka turondera uko twosubira kugiriranira imigenderanire myiza, arinacogituma nuryanushingamateka yavuze kurya birya ntiyabivuze kurya kwarukugira yoroshe ibintu maze ibihugu vyongere bigiriranire imigenderanire myiza.
    None raba uwanditse akoresheje izinaryanje (Hutsi) yaciyatangura gutukana ngwahari ikirimba cumukuru wuburundi haranuka! Nabandi ivyobanditse ubisomye urabona kwarabantu badashaka kwimibaniremyiza yuburundi nurwanda yosubira kubamyiza.
    Murirusangi ivyomuvuze inyumayivyo uwomushingamatekayavuze, vyonatumayicuza icatumye yiyorosha kuko aciye abibonamwo kubusuzugura birenze akagero kuko ntakuntu wovuga ko ahari ikirimba cumukuru wigihugu ciwe ngoharanuka ngwaheze ngwanezerwe !.
    None muvyukuri tutabeshanye ukwokudushitaka bigezaho kuburyobwose bushoboka nukubera ikiringo cagatatu cumukuru wuburundi cabashavuje?

  • kwakira neza abashitsi biri mu muco w’abanyarwanda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.