Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ENS : Abandi banyeshure batatu bafatiwe ibihano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS : Abandi banyeshure batatu bafatiwe ibihano

ENS : Abandi banyeshure batatu bafatiwe ibihano

mardi 25 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’ishure nderabigisha ENS bwafatiye ibihano abandi banyeshure batatu bo kuri iryo shure. Ubwo buyobozi bwasiguye ko ivyo bihano vyafatiwe abo banyeshure, kuko amatohoza yerekanye ko nabo bafise uruhara kw’ihagarikwa ry’ivyigwa ryari rimaze iminsi kuri iryo shure.

Umwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017 wahagaritswe kuri abo banyeshure batatu aribo NDUWAYESU Aron, NDUWIMANA Syldie hamwe na NDENZAKO Gustave.

Iyo ngingo y’ishure nderabigisha ENS (Ecole Normale Superieure) ifashwe inyuma y’aho ubwo buyobozi bufatiye kandi ingingo y’ukwirukana kuri iryo shure babiri mu banyeshure baserukira abandi.

Abo banyeshure birukanwe nabo bagirizwa ko aribo bari inyuma y’ihagarikwa ry’ivyigwa kuri iryo shure.

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, hamwe n’abo mu kigo nderabigisha ENS basaba ko ingingo ihindura ingene bahabwa agafashanyo kakaba ingurane yohagarikwa.

Batanu mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mu Mpimba.


IGIHE

Messages

  • UWANKA AGAKURA ABAGA UMUTAVU. UBWWTSI BURASHA BUKABISA UBUNDI.
    AHA TURI HARI ABANDI.
    INTIBAGIRA NTIBANA.
    UTAGIRA IMBABAZI NAWE NTAZOZIGIRIGWA

  • @ Kuri, wewe wabifashe ukutariko uwomugani ntuguye ivyabobanyeshure, kuko habaye ihinduka mubijanye na system yukuntu abana bahabwa imfashanyo yokugira bige, baramenyeshejwe kobigiye guhinduka ko amahera bazozabarabaha bazoyasubiza nibamara amashure bakaronka akazi, iyorero nimpinduka yabaye nkukwo vyagiye bizabiraba nomubinti bihugu.
    Nimbarero wewe Kuri ubonako arukubaga umutavu uri umuvyeyi mubi kuko ibintu guhinduka bizokwaba vyabayeho kandi vyamweho mubihugu vyose singaha Burundi gusa.
    Umuhanuzimubi angana umurozi.

  • Ewe sha kagabo wiyita AVEC, nkubaze mbega abobategetsi bafata ingingo zitagirumutwe namaguru, ayo bahawe bakirikwishure barayasubije?,rekasha iyigihugu gitwarwa nabanyamahanga atarabarundi bwite ntikizobura kuza kirarwa mukaga!. Abonabo bariko baratoteza abobanyeshure umwisho ni mperuka bazovyishura, nibatavyishura bizokwishura abana babo canke abuzukuru babo mubihe vyimbere.

  • Avec, Nagomba ndakubwire ko uyo mugambi muburundi hatari bwagere ko ukora kuko ibihugu biwukoresha hariho ivyo barabirako vyinshi nkaho ndi uyariha mugihe uronse akazi ugakorera amahera arenga $50000 kumwaka,naho nyene uriha Duke cane . Rero aho iwacu jewe mbona mugomba kubaga IMITAVU KUKO NABAHEJEJE Badasavye iyo ngurane nta NAKUBUBOYI BARARONKA MWARI KWIGA UBWAMBERE AHO AYO MAHERA AZOVA CANKE MUVUGE KO MWUGAYE AMASHURE YOSE YA RETA HAKORE ZA PRIVITE.

  • Avec, Nagomba ndakubwire ko uyo mugambi muburundi hatari bwagere ko ukora kuko ibihugu biwukoresha hariho ivyo barabirako vyinshi nkaho ndi uyariha mugihe uronse akazi ugakorera amahera arenga $50000 kumwaka,naho nyene uriha Duke cane . Rero aho iwacu jewe mbona mugomba kubaga IMITAVU KUKO NABAHEJEJE Badasavye iyo ngurane nta NAKUBUBOYI BARARONKA MWARI KWIGA UBWAMBERE AHO AYO MAHERA AZOVA CANKE MUVUGE KO MWUGAYE AMASHURE YOSE YA RETA HAKORE ZA PRIVITE.

  • At Kuri, nambutazi gukoresha imachine ngushobore kumenya uwandika akoresheje amazina arenze rimwe, jewe rero nitwa Avec, sindi Kagabo.
    Hanyuma ivyo vyabobanyeshure vyaramaze gupangwa nubwo mwogumuka nkakume mwabikora mugafata amaburende ntacomwohindura.
    Hanyuma abowavuze bomubindibihugu bayasubisa arukwo bakoreye 50,000$
    Twebwe inkezi ikerera ubwobingana nubwo bazokorera 10,000frB
    Tuzobasaba baze barakurako 1frB
    Ivyorero mwigira abwaswa ntwaraberetse ko dugerezwa kuyoboraneza igihugu kandi tugahangana ninjavyi ukwozizobazimeze kwose.

  • le notre politique est celle de diviser pour reigner

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.