Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS : Abanyeshure babiri mu baserukira abandi birukanwe
ENS : Abanyeshure babiri mu baserukira abandi birukanwe
vendredi 7 Ndamukiza 2017, par
Ubuyobozi bw’ishure Kaminuza nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) bwafashe ingingo y’ukwirukana kuri iryo shure babiri mu banyeshure baserukira abandi.
Abo banyeshure birukanwe bagirizwa ko aribo bari inyuma y’ihagarikwa ry’ivyigwa rimaze hafi indwi zibiri kuri iryo shure.
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, hamwe n’abo mu kigo nderabigisha ENS baheruka guhagarika ivyigwa, basaba ko ingingo ihindura ingene bahabwa agafashanyo kakaba ingurane yohagarikwa.
N’abanyeshure bo kw’ishure rya Kaminuza y’ivy’ubuvuzi (INSP : Institut National de Sante Publique) bandikiye nabo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yorindira gushira umukono kw’itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo (Bourse), iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse).
Abo banyeshure bavuga ko mu gihe iyo ngingo itoba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, nabo bazoca bahagarika ivyigwa.
IGIHE
Messages
7 Ndamukiza 2017, 09:20, par buhiri mahuridi
Abanyeshuri akaba aribo bategeka ivyumukuru wigihugu akora ? Nimwubahe abaganza .
7 Ndamukiza 2017, 10:10, par Schadrack
Bagenzi,barongozi Bu Burundi Kurya Mwize Vyoroshe Nimureke Kuniga Abandi Kuko Ubwenge Mwari Mufise Nabandi Barabufise
7 Ndamukiza 2017, 17:52, par Wakera
Bakorereko Ntihagire Nuwundi Aziyumvira Gucutsa Agatima Ko Kugumura Abandi. Abo Bavuyemwo Igihugu Ntaco Gihomba. Ahubwo Barabahenze Ninde Yababwiyeko Umukuru Wigihugu Avuguruzwa Nabana?
8 Ndamukiza 2017, 06:26, par Katihabwa
A vaincre sans peril on triomphe sans gloire no perilous success no glory triumph
9 Ndamukiza 2017, 06:12, par NDAGIJIMANA ERIYA KIGANGABUKO
NIBIRUKIREICOKIBAZO.CABOBANYESHU NTITUHAHOMBERE
9 Ndamukiza 2017, 06:18, par Mdayisaba richard
Uko biri kosi abo banyeshure ntibazi agaciro kumukuru wigihugu! Iyo democrati kumenga irarenze igipimo.
9 Ndamukiza 2017, 07:46, par Nzohabonayo Isaie
None Abize Kera Bakabaha Bourse,ubu Babonye Ko Ari Kabi?Boba Bagira Bakingire Abandi?
9 Ndamukiza 2017, 12:47, par Nema
Poritike Nibakure Mwishure Bige Barekere Beneyo .
9 Ndamukiza 2017, 12:50, par Nema
Poritike Nibakure Mwishure Bige Barekere Beneyo .
9 Ndamukiza 2017, 21:08
JENOSABA.KOBOSUBIRAKUKAZI