Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EcoCash yatanze bonus ya 10% ku mafaranga urungikiwe n-abari hanze biciye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > EcoCash yatanze bonus ya 10% ku mafaranga urungikiwe n-abari hanze biciye (...)

EcoCash yatanze bonus ya 10% ku mafaranga urungikiwe n-abari hanze biciye kuri Worldremit

lundi 27 Ntwarante 2017, par Jean de Dieu M.

Ni ibintu bitari bimenyerewe mu Burundi, mu bikorwa vy’ukurungikirana amafaranga hakoreshejwe telephone ngendanwa : Umunywanyi wa EcoCash aronse amafaranga arungikiwe n-abari hanze EcoCash ikamwongera ayandi muri bonus y-ibice 10% vy-ayo mafaranga.

Amasezerano y’ugukorera hamwe ari hagati ya Ecocash hamwe na Worldremit afasha abantu bari hanze y’igihugu gushobora kurungikira amafaranga abari mu Burundi bakoresha Econet leo mu ma konti yabo ya EcoCash. Abo bari hanze mu bihugu nka nk’Ubufaransa, Ubuhorande, Suède, Ububirigi, Espagne, Ubwongereza, Norvège, n’ahandi baraheza bagaca ku rubuga ngurukanabumenyi ( www.worldremit.com)
bagaheza bakuzuza ibisabwa kugira ngo barungike amafaranga. Hanyuma bakemeza.

Ayo mafaranga arungitswe ava mu mahanga ashikira muri terefone ngendanwa y’umunywanyi wa EcoCash, bishobojwe mu masezerano y’ugukorera hamwe hagati ya EcoCash na Worldremit. Ubu rero, umunywanyi aronka ayo mafaranga bamurungikiye EcoCash igaca imwongera akarusho k’ibice icumi kw’ijana 10% vy’ayo amafaranga avuye mu mahanga umunywanyi wa Ecocash aba arungikiwe. Ako karusho gashoboka ku mafaranga avuye mu mahanga biciye kuri Worldremit.

Umunywanyi wa EcoCash araheza akabikura amafaranga yiwe igihe cose avyifuje ku mukozi wa EcoCash aho ari hose, ku biro vya Econet leo aho biri hose, ibiro vy-ubudandaji vya EcoCash, canke ku mashirahamwe asanzwe akorana na EcoCash nka INTERBANK, FINBANK, POSTES, COOPEC, MUTEC, KAZOZA.

Ububiko bw’amafaranga bwa EcoCash muri terefone ngendanwa bufasha guhanahana amafaranga bitagoranye, ku butaka bwose bw’Uburundi. Umunywanyi ararungika canke akarungikirwa amafaranga muri telephone ngendanwa yiwe.

Amafaranga arungitswe ashika nk’ubutumwa bugufi (Message), muri terefone ngendanwa y’umunywanyi wa Ecocash.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.