Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo igiye gufasha Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu gutanga (...)
Econet Leo igiye gufasha Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu gutanga amakuru ku materefone ngendanwa
mercredi 14 février 2018
Mw’ijambo yashikirije,Nepias Njaravaza, arongoye ishirahamwe Econet Leo, yavuze ko ashimishijwe n’amasezerano bashitseko, amenyesha ko abanywanyi ba Econet Leo bagiye kworoherwa aho bari hose, mu kuronka amakuru n’ibiganiro biciye mu buhinga bwa none buzanywe na Econet Leo.
Ku ruhande rwiwe, Salvator NIZIGIYIMANA, umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure nkuru vy’igihugu amenyesha ko ari umunsi udasanzwe ku banywanyi b’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu, hamwe n’abanywanyi ba Econetleo, ku ntambwe itewe mu ntumbero y’ukworohereza abanywanyi babo kugira baronswe amakuru n’ibiganiro ku mwanya wose, aho bahereye hose.
- Salvator NIZIGIYIMANA, Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’Imboneshakure vy’Igihugu
Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu avuga ko binjiye mu buhinga bwa none bwo gutanga amakuru ku banywanyi.
Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu yamenyesheje ko ko azomenyesha vuba aho ubwo buhinga bwa none buzotangurira gukora.
- Umuyobozi wa ECONET-LEO (I bubanfu) n’uwa RTNB (I buryo), bashira umukono ku masezerano
BUKURU Pacifique