Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yadugije ibiciro vy’uguhamagarana
Econet Leo yadugije ibiciro vy’uguhamagarana
vendredi 6 Nzero 2017, par
Ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet-Leo ryadugije ibiciro vy’uguhamagara, bitewe n’uko itagisi ry’uguhamagarana ryadugijwe bisabwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu nteguro nshasha y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2017. Iryo tagisi ryakuwe ku mafaranga 42 ku munota, rishirwa ku mafaranga 52.
Econet-Leo yaciye iduza ibiciro vy’uguhamagarana. Ku banywanyi bakoresha ivyo bita "Flottes", umunota umwe wakuwe ku mafaranga 50 ushirwa kuri 60. Nayo abanywanyi bahamagarana bisanzwe hagati yabo, igiciro c’umunota umwe cari amafaranga ijana, ariko ubu akaba ari 110.
Abanywanyi ba Econet-Leo bahamagara ku yindi mihora bazoriha amafaranga 178 ku munota, mu gihe yahora ari 168.
IGIHE
Messages
6 Nzero 2017, 14:48, par Ngoya
Reka Leta ibanunuze ; none mwari muzi ko azova mu mupfuko wa Nkurunziza canke wa president w’inama nkenguzamateka?
6 Nzero 2017, 14:52, par Mag
Iyomanda Ntawidahitana Nukuri
6 Nzero 2017, 16:40, par Karorero
Ngofatibihano ryabuy ritembagara riduga,turira amapine bifotiy za pass port,non ko bwamujer nabwo bugiy kuvyimbira sutama hano leta nikomez kurwiza ikori.
6 Nzero 2017, 18:15, par TINYA
Na bado arabamara murabona iki utararihira agatongo kawe atazi ningene kabonetse.
6 Nzero 2017, 18:58, par Ikori
Kumwe kwo kuri Micombero nako Micomibi, hagiye kuba ikori ry’umutwe. None ko ba sokuru baca baja i Buganga ubu naho muja kuyaca hehe? Aba DD komere.
9 Nzero 2017, 04:35, par Nowera Nimbona
Nibaduze bazobura nivyo baduza,none kuduza amatagisi nyumurengera bizobafasha iki? ubwo nubujuju! uwuduza amatagisi aduza iyabona abenigihugu bageze kurugero rushimishije kubutunzi. None umuryagihugu aragenda rugatuma rwamatagisi yumurengera! aje gusongongera nakahuha.
12 Nzero 2017, 23:27, par fidele nzikokirantevye
mugabo nizo shirahamwe zirakenye nanje ngiye kuyita nitungire smt