Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Econet Leo yatanguje "Riha Mairie na EcoCash" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanguje "Riha Mairie na EcoCash"

Econet Leo yatanguje "Riha Mairie na EcoCash"

vendredi 22 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubwo buhinga bushasha bwatangujwe na Econet Leo bukaba buzofasha abanywanyi b’iryo shirahamwe kudasubira gutonda imirongo muma Banki n’ahandi, mu gihe bashaka kuriha amakori n’amatagisi y’igisagara ca Bujumbura.

Mu birori vy’ugutanguza ubwo buhinga bushasha, Nepias NJARAVAZA, umuyobozi mukuru wa Econet Leo yamenyesheje ko iryo shirahamwe ribandanya kuzana ubuhinga bushasha, mu ntumbero y’ukworohereza abanywanyi baryo.

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko ubwo buhinga bw’ukuriha amakori n’amatagisi biciye muri EcoCash buzokworohereza abanywanyi ba Econet Leo, bwongere bufashe mu kwegeranya amafaranga afasha mw’irangurwa ry’imigambi y’igisagara ca Bujumbura.

"Mairie ya Bujumbura irangura imirimo ijejwe ikoresheje uburyo buva ahanini mu makori n’amatagisi bitozwa hakurikijwe itegeko rigenga amakori n’amatagisi atozwa n’amakomine. Ni ngombwa rero ko uburongozi bw’igisagara bugira integuro ibereye yo kwegeranya ubwo buryo bwose butegekanijwe."

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko kuva mu mpera z’umwaka wa 2012, abashaka kuriha amakori n’amatagisi ya Mairie ya Bujumbura bategerezwa gushika ahakorera ubwo buyobozi, canke abakozi ba Mairie bagasanga abatangakori ku mirimo yabo kubishuza. Freddy MBONIMPA avuga ko igisagara ca Bujumbura cahahombera.

"Rimwe na rimwe vyarashika amafaranga yatojwe ntashike aho yari agenewe bivuye ku mvo nyinshi."

Ubuhinga bwa "Riha Mairie na EcoCash" bugiye kworohereza uwo wese yipfuza gutanga amakori, amatagisi n’ibindi mu kumupfunyira urugendo, bigatuma anaziganya uburyo n’umwanya yokoresheje mu kwiyunguruza.

Mu kuriha amakori n’amatagisi y’igisagara ca Bujumbura na EcoCash, umunywanyi wa Econet Leo afyonda *444# OK agahitamwo igiharuro 8 ahanditse "Payer Gouvernement". Mu nyuma ahitamwo igiharuro 1 ahanditse "Bujumbura Mairie", aho niho baca bamwereka amakori n’amatagisi atandukanye, nawe agahitamwo ivyo ashaka kurihira.

Freddy MBONIMPA atera akamo abatangakori ko bokwijukira ubwo buhinga.

Umuhora wa EcoCash ukoreshwa cane ku guhanahana amafaranga biciye muri Terefone ugeze ku banywanyi ibihumbi amajana atatu (300 000 abonnés), amafaranga nayo agera ku miriyaridi 17 akaba ariyo ahanahanwa n’abanywanyi ba EcoCash ku kwezi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.