Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eritreya : Abimukira batandatu bapfunzwe bagirizwa kwanka gutaha muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Eritreya : Abimukira batandatu bapfunzwe bagirizwa kwanka gutaha muri (...)

Eritreya : Abimukira batandatu bapfunzwe bagirizwa kwanka gutaha muri Afrika

jeudi 22 février 2018

Urwego rw’igihugu ca Israel rujejwe abinjira n’abasohoka ruherutse kubwira abimukira bashika 10 000 bava mu bihugu vya Sudani na Eritreya, kuhava mu gihe kitarenze amezi atatu, bakaja mu bindi bihugu canke batabikoze bagapfungwa.

Igihugu c’Urwanda n’ Ubuganda vyaravuzwe cane ko bishobora kwakira kunze abo bimukira, naho vyovyo vyabihakanye bikavuga ko ata masezerano vyigeze bigiranira na Israel yo kubakira.

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018,amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi muri Israel, yamenyesheje ko ari ubwa mbere abimukira bapfungwa bazira ko banse kwirukanwa.

Indwi muri abo bimukira, bahejeje kwimvirizwa ku co bavuga ku bijanye no kwimurirwa mu bindi bihugu.

Iradiyo y’abongereza BBC imenyesha ko abashika 600 bamaze kumenyeshwa ibijanye no kuvanwa muri Israel mu gihe abashika 35 000 ari bo bazokwirukanwa.

Muri uku kwezi kwa Ruhuhuma 2018, Reta ya Israel yavuze ko izotanga ubuhungiro ku banyaeritreya bavuye mu gisirikare gusa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.