Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne : Abashigikiye ukwikukira kwa Catalogne batsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Abashigikiye ukwikukira kwa Catalogne batsinze amatora

Espagne : Abashigikiye ukwikukira kwa Catalogne batsinze amatora

vendredi 22 décembre 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, naho igikorwa co guharura amajwi kitarahera, vyamaze kuboneka ko imigambwe igomba ukwikukira kwa Catalogne ariyo iza imbere n’aho yatakaje intebe mu nama nshingamateka.

Naho ku ruhande rumwe ari umunezero, ku rundi ruhande rw’umushikiranganji wa mbere wa Espagne Mariano Rajoy ni umubabaro, kuko ariwe yabaye mu ba mbere bahakana ubwigenge bwa Catalogne, aba ari nawe atumako ayo matora.

Ari mu buhungiro i Bruxelles, Carles Puigdemont yahora arongoye intara ya Catalogne,yashimye ivyavuye mu matora, avuga ko ari intsinzi y’intwaro rusangi, kandi ko atawushobora guhakana ivyayavuyemwo.

Naho ayo matora yabaye, hari ikibazo co kumemya nimba ivyayavuyemwo bishobora gutorera inyishu, amatati ari hagati y’igihugu ca Espagne n’intara ya Catalogne.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.