Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Abashikiranganji 8 b’intara ya Catalogne bapfuzwe vy’agateganyo
Espagne : Abashikiranganji 8 b’intara ya Catalogne bapfuzwe vy’agateganyo
vendredi 3 Munyonyo 2017, par
Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 02 za Munyonyo, abashikiranganji 14 bari bahamagajwe kwitaba ubutungane bw’i Madrid kugira bisigure ku birego bagirizwa vyo kugumuka, mu gihe intara ya Catalogne yasaba ukwikukira mbere bakanashikiriza ko bikukiye kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu. Bakaba bagirizwa kandi n’icaha co kunyotora itunga ry’igihugu.
Muri abo cumi na bane, abagera kuri munani bakaba bapfunzwe vy’agateganyo.
Kubw’umushingwamanza w’abo bashikiranganji, Andreu Van den Eynde, ingingo yafashwe yo kubashira mu munyororo iranyuranye n’amategeko. Amenyesha ko kubona babashize mu munyororo ari igihano kinini, agasaba ko bopfuma babaka ibipapuro vy’inzira, ku buryo batorenga imbibe z’igihugu bakitaba ubutungane bidegemvya.
Pacifique BUKURU