Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne:FC BARCELONA yatahukanye igikombe c’Umwami - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne:FC BARCELONA yatahukanye igikombe c’Umwami

Espagne:FC BARCELONA yatahukanye igikombe c’Umwami

dimanche 28 Rusama 2017

Ku munota wa 30 gusa, umukinyi Lionel Messi yari atsinze igitsindo ca mbere c’umurwi wa FC BARCELONA ,ariko inyuma y’iminota itatu gusa, umukinyi Theo Hernandez atsinda igitsindo c’umuriwi wa Alaves.

Ku buhinga bwinshi bw’umukinyi Lionel Messi,ku munota wa 45,yatanze umupira uvuye ku ruhande,awuhereza umukinyi Neymar aca yinjiza igitsindo ca kabiri c’umurwi wa FC BARCELONA, igice ca mbere gica gihera ari ibitsindo bibiri vya Barcelona ,ku gitsindo kimwe c’umurwi wa Alaves.

Inyuma y’iminota itatu gusa igice ca kabiri c’urukino gitanguye,inyuma y’ubundi buhinga bwakozwe na Lionel Messi,umukinyi Paco Alcacer yinjije igitsindo ca gatatu c’umurwi wa FC BARCELONA,urukino ruca ruhera ari ibitsindo bitatu vya FC BARCELONA ku gitsindo kimwe ca Alaves.

Intsinzi y’umurwi wa FC BARCELONE mu gikombe c’umwami mu gihugu ca Espagne,ije guhoza amarira y’abakunzi b’umurwi,inyuma yo gukurwa mw’ihiganwa rya Ligue des Champions n’umurwi wa Juventus de Turrain wo mu gihugu c’Ubutaliyano.

Kibaye igikombe c’umwami kigira 29 umurwi wa FC BARCELONA utahanye, mu gihe umumenyereza Luis Henrique wa FC BARCELONA nawe aric gikombe ca nyuma arnse amenyereza umurwi wa FC BARCELONA.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.