Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na (...)
Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na benshi
mercredi 3 janvier 2018
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Mundo Deportivo co mu ntara ya Catalogne ivamwo umugwi wa Fc Barcelona, abarongozi b’umugwi wa Fc Barcelona boba bashize ku meza amafaranga ashika imiriyoni 150 z’amanyaburaya kugira bagure umunya Brésil Philippe Coutinho.
Mu gihe Liverpool yokwemera kumurekura, Philippe Coutinho w’imyaka 25 azoca aba umukinyi agira 3 aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru, inyuma ya mugenzi we Neymar Junior yaguzwe imiriyoni 222 z’amanyaburaya, hamwe n’umufaransa Kylian Mbappé yaguzwe imiriyoni 180 ava muri Monaco aja muri Paris Saint Germain.
Mu gihe inkuru ya Coutinho ishushe ku mbuga ngurukanabumenyi, ishirahamwe Nike rikora rikongera rikadandaza ivyambagwa ari naryo ryambika umukinyi Philippe Coutinho, ryarayiciye umurya mu mpera z’iyi ndwi irangiye mu gukora bakanashira ahabona umwambaro wa Fc Barcelona uriko izina rya Philippe Coutinho yanditseko inomero 7.

Mwomenya ko kw’isoko ryo kugura no kugurisha ryo mu mwaka urangiye, vyanse ku munsi wa nyuma ko Fc Barcelona itahukana Philippe Coutinho, ivyababaje cane abakunzi b’umugwi wa Fc Barcelona
Pacifique BUKURU
Messages
4 janvier 2018, 22:38, par Havyarimana rachidi leo
Kutinyo mumurwi fc barcerona turamwiteze cane bihagije pe hanyuma ndakeza numukinyi wumurundi Nahimana shasir amateka afise arakwiye naho vyase kudutsinda kenya nahimana yirambire hamwe numunyegori