Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na (...)

Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na benshi

mercredi 3 janvier 2018

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Mundo Deportivo co mu ntara ya Catalogne ivamwo umugwi wa Fc Barcelona, abarongozi b’umugwi wa Fc Barcelona boba bashize ku meza amafaranga ashika imiriyoni 150 z’amanyaburaya kugira bagure umunya Brésil Philippe Coutinho.

Mu gihe Liverpool yokwemera kumurekura, Philippe Coutinho w’imyaka 25 azoca aba umukinyi agira 3 aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru, inyuma ya mugenzi we Neymar Junior yaguzwe imiriyoni 222 z’amanyaburaya, hamwe n’umufaransa Kylian Mbappé yaguzwe imiriyoni 180 ava muri Monaco aja muri Paris Saint Germain.

Mu gihe inkuru ya Coutinho ishushe ku mbuga ngurukanabumenyi, ishirahamwe Nike rikora rikongera rikadandaza ivyambagwa ari naryo ryambika umukinyi Philippe Coutinho, ryarayiciye umurya mu mpera z’iyi ndwi irangiye mu gukora bakanashira ahabona umwambaro wa Fc Barcelona uriko izina rya Philippe Coutinho yanditseko inomero 7.

Mwomenya ko kw’isoko ryo kugura no kugurisha ryo mu mwaka urangiye, vyanse ku munsi wa nyuma ko Fc Barcelona itahukana Philippe Coutinho, ivyababaje cane abakunzi b’umugwi wa Fc Barcelona


Pacifique BUKURU

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.