Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ethiopiya: Reta yahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi bwa internet - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ethiopiya: Reta yahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi bwa internet

Ethiopiya: Reta yahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi bwa internet

jeudi 1er Ruheshi 2017

Amakuru ava mu gihugu ca Ethiopiya amenyesha ko Reta ya Ethiopiya yahagaritse ubuhinga bwa Internet kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 29 Rusama 2017.

Ikinyamakuru Jeuneafrique kimenyesha ko iyo ngingo yoba yafashwe mu ntumbero yo gutuma babuza ko hoba ubusuma bw’ibibazo biciye mu buhinga ngurukanabumenyi nkuko vyabaye mu mwaka uheze,aho Ubushikiranganji bw’amashuri bwategerejwe gusubizamwo ikibazo,mu gihe ikindi cari cibwe.

Muri iki gihe abanyeshuri mu gihugu ca Ethiopiya bariko bakora ibibazo,ikinyamakuru c’abongereza The Guardian kimenyesha ko iyo ngingo yoba yafashwe mu ntumbero yo gukinga ivyabaye mu mwaka w’ishuri wa 2016 ntibisubire kuba.

Amashirahamwe mpuzamakungu akorera ku murwa mukuru wa Ethiopiya Addis-Abeba yamaze kumenyesha ko ibikorwa bitariko bikorwa neza kubera ata buhinga ngurukanabumenyi buriko burakoreshwa muri ino minsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.