Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Umupasitori yishwe n’ingona ariko arabatiza
Etiyopiya : Umupasitori yishwe n’ingona ariko arabatiza
mardi 5 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko igipolisi n’abanyagihugu bavuze ko, abantu bashika 80 aribo bariko barabatizwa igihe Pasitori Docho Eshete yicwa n’iyo ngona, hari kuw’Imana uheze mu gisagara ca Arba Minch, muri komine ya Merkeb Tabya.
Umwe mu baba mu karere vyabereyemwo, yabwiye BBC, ko uwo mu pasitori yabatije umuntu wa mbere munyuma aja kuwa kabiri, ariko mu mwanya muto, ingona isimba iva mu kiyaga ica ifata pasitori, nawe asunikira hirya umuntu yariko arabatiza.
Iradiyo y’abongereza BBC,imenyesha ko abanyagihugu hamwe n’abarovyi bagize uko bashoboye ngo batabare pasitori Docho ariko barananigwa.
Umuporisi akorera muri ako gace, yemeje ariko ko, ikiziga ca Pasitori Docho cabonetse.
iMUGISHA Van Naris
Messages
5 juin 2018, 17:47, par Odifax
Imana imwakire ahayo hera.yaziz akazi kayo.
6 juin 2018, 18:48, par Deo
Nukur Birababaje Ariko Kuja Muri Tanganyika Sibwo Bu Krist Ako Nakarorero Bavuga Ngo Abakatorika Ngo Ntibabatizwa !Reka Imana Yikore.Kuvuga meshi Siko Kuyamara.Arumuvuga Butumwa !!!!
7 juin 2018, 06:33, par Deo
Birababaje. Arik Kuja Muri Tanganyika Sibwo Bu krisu Reka Imana Yikorere Bavuga Ngo Abakatorika Ntibabatizwa Ako Nakarorero.Arumukozi Wimana Kweri !!!!
8 juin 2018, 06:03, par Nsabimana Jean Marie
Birababaje ariko ntaco twibazeko Imana yamwakiriye kuko yari kugikorwa c’ubutumwa bwayo