Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yagiriza inzego z’umutekano gukoresha (...)
Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yagiriza inzego z’umutekano gukoresha iterabwoba
mardi 19 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed yabimenyesheje igihe inama nshingamateka yamubaza igituma abagirizwa ivyaha vy’iterabwoba ari bamwe mu baheruka gupfungurwa.
Yavuze kandi ko mu gihugu ca Etiyopiya hose ubu hari abantu bamwe bariko bakorerwa ihohoterwa kandi bakaba bapfungiwe no mu bibanza bitarimwo umuco.
Abiy Ahmed yabajije abashingamateka nimba hari ibwirizwa nshingiro rivuga ko umuntu wese yaciriwe igihano na sentare ashobora guhohoterwa , hanyuma agapfungirwa mu kibanza kitarimwo umuco.
Mu mezi abiri amaze arahiye, Abiy Ahmed aramaze kwirukana bamwe mu bategetsi b’iperereza n’igisirikare.
MUGISHA Van Naris