Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FC Barcelone yatsinzwe na Paris Saint Germain mu gice 1/8 gishira ica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FC Barcelone yatsinzwe na Paris Saint Germain mu gice 1/8 gishira ica (...)

FC Barcelone yatsinzwe na Paris Saint Germain mu gice 1/8 gishira ica nyuma

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Umurwi wa Paris Saint Germain werekanye ko ukomeye mu gutsinda umurwi wa FC Barcelona mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, Champions League, mu rukino rwabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 ku kibuga ca Paris Saint Germain.

Muri urwo rukino rwa mbere rw’igice c’umunani gishira ica nyuma,kuva ku munota wa mbere w’urukino, umurwi wa Paris Saint Germain niwo wagumye wibonekeza mu kibuga,ku munota wa 18 umukinyi Angel Di Maria atsinda igitsindo ca mbere.

Ku munota wa 40 w’igice ca mbere c’urukino,inyuma yo gusatira cane,umukinyi Julian Draxler yinjije igitsindo ca kabiri c’umurwi wa Paris Saint Germain, igice ca mbere gica kirangira ari ibitsindo bibiri ku busa bwa FC Barcelona.

Mu gihe vyari vyitezwe ko mu gice ca kabiri umurwi wa FC Barcelona uza wahinduye umukenyuro, ntivyoroshe kuko inyuma y’iminota 10 y’igice ca kabiri, umukinyi Angel Di Maria yinjije igitsindo ca gatatu, bituma umurwi wa FC Barcelone utakaza icizere co gutsinda urukino.

Ibintu vyagiye kwunyuka inyuma y’igitsindo ca kane c’umurwi wa Paris Saint Germain catsinzwe n’umukinyi Edinson Cavani ku munota wa 72 w’urukino.
Kuri uno wa Gatatu hategekanijwe inkino zibiri aho Real Madrid yakira SSC Napoli yo mu gihugu c’Ubutariyano, Bayern Munich yakira Arsenal.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.