Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amareresi ari mw’ihiganwa rya FESTICAB arabandanya kwerekanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Amareresi ari mw’ihiganwa rya FESTICAB arabandanya kwerekanwa

Amareresi ari mw’ihiganwa rya FESTICAB arabandanya kwerekanwa

lundi 22 Rusama 2017

Kuri uno wa mbere kuva isaha umunani n’igice gushika isaha icumi na zibiri z’umugoroba,mu kigo ndangamico c’abafaransa I Bujumbura, mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge, mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi mu Kamenge, ikigo c’abafaransa I Gitega no mu nyubakwa za kaminuza Umuco I Bujumbura(Universite Lumiere de Bujumbura) harerekanwa amareresi yatowe mu bice bitandukanye kandi ava mu bihugu bitandukanye.

Kuri uno wa mbere nyene, kuva igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba gushika isaha zitatu muri ivyo bibanza nyene harerekanwa amareresi havuyemwo mu kibanza kiri mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi mu Kamenge, ariko haza kwiyngerak ibibanza vyo hagati mu gihugu nka Hotel Belveder y’I Ngozi na Hotel Tanganyika Lodge Hotel yo mu Rumonge.

Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 23 Rusama,umwaka wa 2017, isabukuru mpuzamakungu y’amasinenma mu Burundi izobandanya igikrwa co kwerekana amareresi mu bigo bibanza bitandukanye, aho kuva isaha zine z’igitondo mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi mu Kamenge bazoba batanguye kwerekana ireresi yiswe Les chevaliers blancs.

Ku munsi wa gatatu naho nyene amareresi azobandanya kwerekanwa mu bibanza bitandukanye, kuva igihe c’isaha zine z’igitondo , ariko mu bibanza vyakira ingenzi Hotel Belveder y’I Ngozi na Tanganyika Lodge Hotel bazkwerekana amareresi kuva isaha icumi na zibiri z’umugoroba.

Ibikorwa vyo kwerekana amareresi rizohera kuwa kane igenekerezo rya 25 Rusama,umwaka wa 2017 mu bibanza bitandukanye, ariko mu bibanza biri mu nyubakwa ndangamico y’abafaransa, mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi mu kamenge no munyubakwa y’abafaransa I Gitega nta reresi izokwerekanwa.

Ibirori vyo gutanguza ku mugaragaro ku ncuro y’icenda isabukuru y’amareresi mu Burundi FESTICAB, vyabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 19 Rusama ,umwaka wa 2017 mu nyubakwa z’ikigo ndangamico y’abafaransa I Bujumbura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.