Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Abigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi bahawe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Abigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi bahawe (...)

FFB : Abigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi bahawe ubushimwe

samedi 2 juin 2018

Abakinyi baronse ubushimwe bari mu mice itatu, aho hari uwaronse agashimwe kuko yinjije ibitsindo vyinshi, uwaronse agashimwe kuko yaranze ihiganwa ry’umwaka wa 2017 ushira uwa 2018, n’umukinyi akiri muto yigenjeje neza mw’ihiganwa.

Abo bakinyi ni :

- HAKIZIMANA Hamimu batazira Hapfizi akinira Inter star yabaye umukinyi muto yigenjeje neza yahawe 500.000 vy’amarundi.

- SHAKA Bienvenue akinira Aigle noir yaronse agashimwe k’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi yahawe umuriyoni w’amarundi.

- URASENGA Cédric Danny Kagabo akinira Messager Ngozi ,yatowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, nawe yahawe umuriyoni w’amarundi.

Ku ruhande rw’abamenyereza,, umumenyereza Jean-Jacques Eydelie wa Messager Ngozi , yahawe agashimwe k’Umumenyereza w’umwaka, nawe yahawe 700.000 vy’amarundi, mu gihe umupfasoni Marie Giesen, yahawe agashimwe k’umurongozi w’umurwi yaranze umwaka.

Kabaye n’akaryo ko gushira ahabona abakinyi 11 bagize umurwi waranze umwaka, abo nabo akaba ari :

Nahimana Jonathan,
Bigirimana Ramadhan,
Ndaye Chancel,
Ndizeye Samuel,
Ndoriyobija Eric,
Muryango Mabano Shabani,
Urasenga Cédric Danny Kagabo,
Ndizeye Seif Thomson,
Iddy Museremu,
Slim Saidi,
Shaka Bienvenue.

JPEG - 31 ko
Abakinyi bahawe ubushimwe (Photo Burundisport.com)

Ivyo birori vyari vyitambwe n’abakinyi b’abarundi bakina mu mahiganwa yo hanze basanzwe bari mu karuhuko, mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.