Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Ikirangaminsi c’inkino zo ku ndwi ya 19 cagiye ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Ikirangaminsi c’inkino zo ku ndwi ya 19 cagiye ahabona

FFB : Ikirangaminsi c’inkino zo ku ndwi ya 19 cagiye ahabona

jeudi 15 février 2018

Mu nkino zitegekanijwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma, Buja City uzokwakira Les Jeunes Athlétics ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore igihe c’isaha umunani, inyuma y’amasaha 2 kuri ico kibuga nyene, Inter Star ikine na Les Lierres.Mu gisagara ca Gitega, igihe c’isaha icenda, Flambeau du Centre izokwakira Delta Star ku kibuga co mu ntara ya Gitega.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018,hategekanijwe inkino zitezwe na benshi, harimwo urukino ruzohuza umurwi wa Vital’o FC na Flambeau de l’Est, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, mu gihe uwo munsi nyene igihe c’isaha icenda, I Ngozi ku kibuga c’Ibuye, Messager Ngozi izzokwakira umurwi Aigle Noir.

Inkino zitandatu kuri munani zari zitegekanijwe nizo zizokinwa, mu gihe imirwi LLBS4A na Olympic izokina ku yandi masango ataramenyekana, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.


BUKURU Pacifique

Messages

  • mwiriwe ariko igihe kuki mutageza ku barundi uko championat d’afrique mu magare iri kubera mu Rwanda iri kugenda kandi harimo abakinnyi b’uburundi nubwo bitabagendekeye neza kuko babasize cyane ariko ntiwabarenganya nta bikoresho bafite peee mais bafite uhushake.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.