Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Ikirangaminsi c’inkino zo ku ndwi ya 19 cagiye ahabona
FFB : Ikirangaminsi c’inkino zo ku ndwi ya 19 cagiye ahabona
jeudi 15 février 2018
Mu nkino zitegekanijwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma, Buja City uzokwakira Les Jeunes Athlétics ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore igihe c’isaha umunani, inyuma y’amasaha 2 kuri ico kibuga nyene, Inter Star ikine na Les Lierres.Mu gisagara ca Gitega, igihe c’isaha icenda, Flambeau du Centre izokwakira Delta Star ku kibuga co mu ntara ya Gitega.
Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018,hategekanijwe inkino zitezwe na benshi, harimwo urukino ruzohuza umurwi wa Vital’o FC na Flambeau de l’Est, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, mu gihe uwo munsi nyene igihe c’isaha icenda, I Ngozi ku kibuga c’Ibuye, Messager Ngozi izzokwakira umurwi Aigle Noir.
Inkino zitandatu kuri munani zari zitegekanijwe nizo zizokinwa, mu gihe imirwi LLBS4A na Olympic izokina ku yandi masango ataramenyekana, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.
BUKURU Pacifique
Messages
15 février 2018, 21:45, par nkotanyi
mwiriwe ariko igihe kuki mutageza ku barundi uko championat d’afrique mu magare iri kubera mu Rwanda iri kugenda kandi harimo abakinnyi b’uburundi nubwo bitabagendekeye neza kuko babasize cyane ariko ntiwabarenganya nta bikoresho bafite peee mais bafite uhushake.