Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB U16: Uko imirwi iserukira intara yatsindanye ku munsi ugira icenda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB U16: Uko imirwi iserukira intara yatsindanye ku munsi ugira icenda (...)

FFB U16: Uko imirwi iserukira intara yatsindanye ku munsi ugira icenda w’ihiganwa

lundi 14 Myandagaro 2017

Mu karere k’Ubumanuko intara ya Rumonge yatsinze intara ya Makamba ibitsindo bibiri ku busa (Rumonge 2-0 Makamba),intara ya Mwaro itsinda intara ya Bururi igitsindo kimwe ku busa (Bururi 0-1 Mwaro).

Mu karere k’Uburaruko, intara ya Kayanza yanganije n’intara ya Ngozi igitsindo kimwe ku kindi (Kayanza 1-1 Ngozi) , mu gihe intara ya Muyinga yatsinze intara ya Kirundo, ibitsindo indwi vyose ku busa (Muyinga 7-0 Kirundo).
Umunsi w’icumi w’ihiganwa uzokinwa kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017. Imirwi iserukira intara izohura uku:

Cibitoke na Buja Rural mu Cibitoke
Buja Mairie I na Bubanza ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore
Rutana na Rumonge mu Rutana
Makamba na Bururi I Makamba
Ruyigi na Karusi mu Ruyigi
Gitega na Cankuzo i Gitega
Ngozi na Muyinga i Ngozi
Kirundo na Kayanza mu Kirundo

Izo nkino zose zizotangura isaha umunani.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.