Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu w’abigeme watsinze Djibouti, abahungu unganya na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’abigeme watsinze Djibouti, abahungu unganya na (...)

Umurwi nserukiragihugu w’abigeme watsinze Djibouti, abahungu unganya na Sudani

lundi 24 Mukakaro 2017

Urukino rwa mbere rwo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 22 mukakaro 2017,umurwi nserukiragihugu intamba mu Rugamba w’abigeme watsinze umurwi nserukiragihugu wa Djibouti ibitsindo 6 k’ubusa.

Ibitsindo vy’umurwi nserukiragihugu w’abigeme batarenza imyaka 20 vyinjijwe na Falonne NAHIMANA yinjije ibitsindo,ica mbere ku munota wa 9,ku munota wa 58 n’ikindi yinjije ku munota wa 63.

Ibindi bitsindo vyinjijwe na Sandrine NIYONKURU ku munota wa 12, Charlotte IRANKUNDA ku munota wa 73,hamwe n’igitsindo ca kizigenza w’umurwi Asha Jafari cinjiye ku munota wa 92.

Urwo rukino rwabaye mu ntumbero y’inkino zo gukuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi kizobera mu gihugu c’Ubufaransa.

Bitegekanijwe ko urukino rwo gusubiza ruzoba mu ndwi imwe, mu gihugu ca Djibouti.

Urundi rukino rwa rurindiriwe cane n’abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru, n’urukino rwabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 23 mukakaro rwahuje umurwi nserukiragihugu w’abahungu bakina mw’ihiganwa ryo mu gihugu hagati hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani yo mu Buraruko.

Urwo rukino rwaranzwe n’inguvu ku mpande zose,urukino ruca ruhera imirwi yose inganya ubusa ku bundi.

Inyuma y’urukino,umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Olivier NIYUNGEKO ,yavuze ko umurwi nserukiragihugu wa Sudani atari umurwi woroshe,kandi bakinye urukino rw kuzibira.

Olivier NIYUNGEKO yabwiye abamenyeshamakuru ko kugira batsinde uwo murwi mu rukino rwo gusubiza rutegekanijwe mu ndwi imwe,bazogerageza gukina umupira wo hasi,kuko bafatiye ku burebure bw’abakinyi umupira wo hejuru ataco wobafasha.

JPEG - 49.2 ko
Olivier NIYUNGEKO,Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba

Ku kibazo c’amakenga y’abakunzi b’umurwi nserukiragihugu ku bijanye n’ingene yasubirije abakini,Olivier NIYUNGEKO yavuze ko adashobora gukorera kuvy’abakunzi b’umupira bamubwiye, kuko aba ariwe azi ingene abakinyi bakina mu gihe bamarana umwanya munini mu myimenyerezo.

Urwo rukino ruri mu nkino zo gukuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CHAN rizoba mu mwaka uza wa 2018,mu gihugu ca Kenya.

Urukino rwo gusubiza ruzoba kuwa gatanu igenekerezo rya 28 mukakaro 2017,i khartoum,ku murwa mukuru wa Sudani.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.