IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FIDH yerekanye amakenga ku Mbonerakure za CNDD FDD zishobora gushirwa mu (...)

FIDH yerekanye amakenga ku Mbonerakure za CNDD FDD zishobora gushirwa mu gisirikare

mardi 4 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’imyaka ibiri Uburundi bwinjiye mu ntureka za poritike zatanguranye n’imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ishirahamwe FIDH rimenyesha ko abantu 1200 aribo boba barishwe, abagera ku majana icenda baburirwa irengero. Ishirahamwe FIDH rivuga ko abarenga amajana basinzikarijwe igufa, nayo abarenga ibihumbi cumi bapfungirwa mu mabohero atandukanye. Iryo shirahamwe rikagaruka kandi ku barenga ibihumbi amajana ane bahunze Uburundi. Kubwa FIDH, ubwo bugizi bwa nabi bwose ntibwahanwe.

Muri icegeranyo, ishirahamwe FIDH rirerekana amakenga rifise kw’itegeko riheruka guca mu nama nshingamateka y’Uburundi rivuga ko abasubijwe mu buzima busanzwe babishaka bagiye guhabwa inyigisho za gisirikare kugira igisirikare c’Uburundi kizobikoreko mu gihe bokenerwa.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi yabwiye abashingamateka ko mu gihe abo bahawe izo nyigisho bazoba bariko barakora, bazofatwa nk’abandi basirikare b’Uburundi.

Ishirahamwe FIDH risanga iyo ari intumbero y’ukurondera ingene urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ruhabwa ku mugaragaro inyigisho z’igisirikare, kugira rushirwe mubo igisirikare kizoza kirikorako (Militaires de réserve).

Muri FIDH basaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko yotanguza vuba amatohoza ku bugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015, kugira abo vyagirizwa bashengezwe mu butungane. Amakungu nayo yasabwe ko yofatira ibihano ku gatwe kabo abantu bose bafise uruhara mw’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi, hamwe n’ababera intambamyi inzira y’ibiganiro vya poritike bitunganirizwa hanze y’Uburundi.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bavuga ko n’ibindi bihugu bifise abasirikare bakoreshwa bibaye ngombwa, ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa "Militaires de réserve", Jean Claude KARERWA NDENZAKO akamenyesha ko ishirahamwe FIDH ridafise ivyemeza vyerekana ko ari Imbonerakure za CNDD FDD zizoshirwa muri abo basirikare.

Uwo avugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arahakana kandi ivyashikirijwe muri ico cegeranyo ko Reta y’Uburundi ifise intumbero y’ugushiraho intwaro y’umugambwe umwe. Kubwa Jean Claude KARERWA NDENZAKO, ibwirizwa shingiro ry’Uburundi riratomoye kandi ryemera intwaro y’imigambwe myinshi. KARERWA NDENZAKO yagiriza ahubwo ishirahamwe FIDH ko ryataye umurongo, mu kwiha intumbero y’ugutyoza Reta y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.