Accueil > Amakuru > Mu makungu > FIFA & CIO : Ibihano vyafatiwe igihugu ca Koweit vyakuwe
FIFA & CIO : Ibihano vyafatiwe igihugu ca Koweit vyakuwe
jeudi 7 Kigarama 2017, par
Igihugu ca Koweit cari cafatiwe ibihano muri Gitugutu kwa 2015 n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino zo kunonora imitsi CIO hamwe n’ishirahamwe mpuzamkungu rijejwe umupira w’amaguru FIFA. Ayo mashirahamwe yagiriza ico gihugu ko cisuka mw’itunganywa ry’inkino.
Ivyo bihano bikuwe inyuma y’aho inama nkenguzamateka y’ico gihugu itoye amategeko kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2017 azotuma ukwivanga kwa Reta mw’itunganywa z’inkino kuhava.
Mu mwaka wa 2016, Reta ya Koweit yakuye ibisata hamwe n’amashirahamwe ajejwe ivy’inkino ibisubiriza n’inzego FIFA na CIO bivuga ko zitari zizwi, bituma ico gihugu kititaba inkino za Olympique zo mu mwaka wa 2016 i Rio mu gihugu ca Bresil hamwe n’inkino zo gukurakuranamwo zitegura igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co ku mwaka uza wa 2018 kizobera mu gihugu c’Uburusiya.
Vianney BIKORIMANA