Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : USA/Canada/Mexique zitorewe gutunganya igikombe c’isi muri (...)
FIFA : USA/Canada/Mexique zitorewe gutunganya igikombe c’isi muri 2026
mercredi 13 juin 2018
Uwaserukiye ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mexique na Canada yavuze ko ari umunezero kuba batowe kugira bazokwakire ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, kandi ashimiye ababashizeko icizere, aca yipfuriza imirwi igiye gukinira mu gihugu c’Uburusiya kugira ibihe vyiza.
Mw’ijambo ryiwe, uwaserukiye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc, yakeje abatorewe kwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 206, aca yemera ko bazobandanya gukora mu guteza imbere urukino rw’umupira w’amaguru no gukora ku neza y’urwaruka.
Yemeje kandi ko bagiye kubandanya bakora kugira indoto izobe ingiro, igihugu ca Maroc kizoshike aho cakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru.
Igihugu ca Maroc gitakaje amahirwe yo gutunganya ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru ku ncuro ya gatanu.
Iyo igihugu ca Maroc gitorwa, cari kuba kibaye igihugu ca kabiri co ku mugabane wa Afrika gitorewe gutunganya iryo higanwa, inyuma y’igihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka wa 2002.
The U.S., together with Mexico and Canada, just got the World Cup. Congratulations - a great deal of hard work !
— Donald J. Trump (@realDonaldTrump) June 13, 2018
Ku bibuga 23 bitegekanijwe kwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise ibibuga 17, Canada 3, Mexique 3.
MUGISHA Van Naris
Messages
13 juin 2018, 22:09, par jamari
Andika hano