Accueil > Amakuru > Mu makungu > FIFA yategetse ko urukino hagati ya Afrika y’Epfo na Senegal (...)
FIFA yategetse ko urukino hagati ya Afrika y’Epfo na Senegal rusubirwamwo
jeudi 7 Nyakanga 2017
Ibiro bijejwe gukurikirana imigwi izotsindira kwitaba igikombe c’isi mu mwaka uza mu gihugu c’Uburusiya niwo wafashe iyo ngingo inyuma yaho sentare y’umupira w’amagaru ijejwe gukurikirana abahagarikizi(TAS:Tribunal Arbitral du Sport) ifatiye ingingo yo guhagarika burundu Joseph Lamptey yaranzwe no guhengama igihe yahagarikira urwo rukino bituma igihugu ca Afirika y’Epfo gitsinda.
Joseph Lamptey w’imyaka 42 ava mu gihugu ca Ghana yatanze “ Penalty ” yatumye Afirika y’Epfo itsinda kandi ata kosa ryahabaye.
Bivugwako urukino ruzosubirwamwo ruzoha akaryo igihugu ca Senegal ubu kiza ubwa gatatu mu mugwi D mu nkino zo kurondera itike z’igikombe c’isi co mwaka wa 2018 zizobera mu gihugu c’Uburusiya.
Bivugwako niyo Senegal yatsinda Afirika y’Epfo n’igitsindo kimwe izoba ironse itike yo kuja mu Burusiya ku mwaka uza .
Urukino rwa mbere rwabereye muri Afirika y’Epfo muri munyonyo 2016 iki gihugu gifise ibitsindo 2 kuri kimwe ca Senegal,urukino rutegekanijwe muri Munyonyo 201.
Vianney BIKORIMANA