Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FNUAP : Inyigisho ku rwaruka zotuma igwirirana ry’abantu rigabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > FNUAP : Inyigisho ku rwaruka zotuma igwirirana ry’abantu rigabanuka

FNUAP : Inyigisho ku rwaruka zotuma igwirirana ry’abantu rigabanuka

samedi 15 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Alain Aimé Nyamitwe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko igwirirana ry’abantu ritera ingorane zitari nke harimwo indyane zifatiye ku matongo, hamwe n’ukubura aho abantu barima kuko amatongo atiyongera.

Alain Aimé Nyamitwe yavuze ko Reta y’Uburundi yihaye umugambi ko gushika mu mwaka w’2025, umurindi w’igwirirana ry’abantu uzova ku rugero rwa 2,5 rukaja ku bice 2 kw’ijana, aho yavuze ko gutanga inyigisho mu rwaruka kugira rukure ruzi ivyo kurondoka ku rugero biri mu vyofasha kugabanura umurindi w’igwirirana ry’abantu mu gihugu c’Uburundi.

Alain Aimé Nyamitwe agira ati : "Gushira umutahe mu rwaruka na cane cane mu kubigisha ibijanye n’ukuvyara ku rugero hamwe n’ukunagura uburyo bukoreshwa mw’irondoka rijanye n’amagara meza rikoreshwa ku rwaruka n’imiyabaga biri mu vyotuma igwirirana ry’abantu rigabanuka."

Nicolas Ndayishimiye ajejwe ikigo co gutororokanya ibiharuro (ISTEEBU) amenyesha ko buri mwaka mu Burundi abantu biyongera ku rugero rungana n’ibice 2,4 kw’ijana, abantu barenga 400 baba ku kirometero kwadarato kimwe, umupfasoni umwe agashobora kuvyara abana bari hagati ya 5 na 6, akavuga kandi ko urwaruka arirwo rugwiriye cane, murirwo 3 kuri 5 bakaba ata kazi bafise.

Umukuru wa ISTEEBU Nicolas Ndayishimiye yavuze kandi ko amatati afatiye ku matongo arenga ibihumbi 5, hamwe n’imanza nyinshin ziri muma sentare zifitaniye isano n’amatati aterwa n’irwirirana ry’abantu.

Pierre Claver Kahiro yanonosoye ibijanye n’igwirirana ry’abantu yamenyesheje ko mu Burundi igwirirana ry’abantu riterwa n’uko abantu bakigendera ku vyiyumviro vy’uko kuronka abana benshi ari itunga, aho abantu benshi bataramenya ico bita "umwana w’akarorero umuntu ashobora kuvuza no kwigisha ko ariwe akenewe".

Pierre Claver Kahiro yagize ati : “Ibihuha bijanye no gukoresha uburyo bwo kuvyara ku rugero, inyigisho zitangwa mu mashengero amwamwe ku bijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buryo biri mu bituma abantu batabwijukira, bigatuma abantu bavyara abana benshi kandi hariho uburyo bwo kuvyara ku rugero “

Mwomenya ko abitavye iyo nama basavye ko hotangwa uburyo hamwe n’inyigisho mu rwaruka, kuko aribo bavyeyi b’imiryango y’ejo hamwe no gufasha guhindura ivyiyumviro vy’abantu hamwe n’ingendo zabo kugira bizofashe kugabanura umurindi w’igwirirana ry’abantu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.