IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > FOCODE : Amazina y’abafashwe bagirizwa igitero co kw’ikambi ya Mukoni akwiye (...)

FOCODE : Amazina y’abafashwe bagirizwa igitero co kw’ikambi ya Mukoni akwiye kumenyekana

lundi 30 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) rimenyesha ko abasirikare n’abaporisi bagera kuri 12 mu bagirizwa igitero cakozwe kw’ikambi ya gisirikare ya Mukoni mu ntara ya Muyinga, bahora bapfungiwe mu ntara ya Muyinga nyene, bakuwe muri iryo bohero kugira bajanwe gupfungirwa mu yandi mabohero y’i Ngozi, Muramvya, Mpimba mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Rumonge. Muri FOCODE bakagira amakenga ko iyo ngingo y’ugutandukanya abo banyororo yoba igamije kuzimanganya ukuri kuri ku basirikare n’abaporisi boba baciye bagandagurwa inyuma y’ifatwa ryabo. FOCODE ikaba yaheruka gutanguza igikorwa c’ukurondera imyidondoro yabo basirikare n’abaporisi.

Muri FOCODE bavuga ko abo basirikare n’abaporisi batandukanijwe, bica bigorana kumenya ababuriwe irengero, aho akaba ari mu gihe muri iryo shirahamwe bavuga ko bamwe muri abo basirikare bafashwe basinzikarijwe ubuzima na bamwe mu baporisi hamwe n’abakozi b’igendereza babakubise baboheye ku biti, mbere bakimwa n’imfungurwa iminsi igera kuri itatu. FOCODE ikavuga ko abo basinzikarijwe ubuzima bagifise n’inkovu, kandi ko n’abababonye mu mabohero bimuriwemwo bemeza ko amagara yabo yifashe nabi. Umusirikare umwe, Caporal-Chef Richard NKURUNZIZA niwe yagumijwe mw’ibohero ry’i Muyinga, aho akaba ari mu gihe bagenzi bimuwe.

JPEG - 90.5 ko
Pacifique NININAHAZWE, umukuru w’ishirahamwe FOCODE

Muri uwo murwi w’abasirikare n’abaporisi bahinduriwe ibohero, batatu bari mw’ibohero ry’i Ngozi (Major José Runyange, Adjudant Ildéphonse Nimubona hamwe na Adjudant Ernest Nzojiyobiri.)

Caporal-chef Eric Ndagijimana batazira "Soleil" yungururijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, i Bujumbura. Mw’ishirahamwe FOCODE bakavuga ko igitigiri nyezina c’abasirikare n’abaporisi barungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura kitaramenyekana neza, hamwe n’aboba batwawe i Gitega hamwe no mu Rutana.

Caporal Fulgence Ndayikengurutse hamwe na Caporal Ezechiel Havyarimana barungitswe mw’ibohero ryo mu Rumonge, hamwe na Adjudant-chef Félicien Harerimana yimuriwe mw’ibohero ry’i Muramvya.

Ishirahamwe FOCODE rivuga ko abasirikare n’abaporisi bose hamwe bamaze kumenyekana ko bafashwe bagirizwa i Gitero cakozwe kw’ikambi ya Mukoni i Muyinga ari :

Major José Runyange, Lieutenant Moïse Nimubona, Adjudant Ernest Nzojiyobiri, Adjudant Félicien Harerimana, Adjudant François Nkurunziza (atawuzi irengero ryiwe, muri FOCODE bakavuga ko yishwe hamwe n’abandi bantu babiri batamenyekanye), Adjudant Ildéphonse Nimubona, Caporal-chef Fulgence Ndayikengurutse, Caporal-chef Eric Ndagijimana batazira "Soleil", Caporal-chef Richard Nkurunziza, Caporal-chef Emmanuel Bizimana, Caporal-chef Amédée Niyukuri, Caporal Ntahomvukiye asanzwe ariwe yarashe Major Dieudonné Karashira yari aje kumufata, imbere y’uko yishikana (bikavugwa ko nawe yagandaguwe), Caporal Ezechiel Havyarimana, Caporal-Chef Innocent Ndereyimana, Caporal-chef Adelin Nkunzimana, Caporal Egide Ngomirakiza.

Mw’ishirahamwe FOCODE basaba ubutegetsi bw’Uburundi nabwo ko bwoshira ahabona amazina y’abasirikare hamwe n’abaporisi bose bafashwe bagirizwa igitero cabereye kw’ikambi ya gisirikare ya Mukoni i Muyinga, kugira ntihagire abagirirwa nabi muribo, canke baburirwe irengero.

Igisirikare c’Uburundi camenyesheje ariko ko ata gitero cabaye kw’ikambi y’igisirikare yo ku Mukoni, ahubwo ko abarashe bari abasuma. Colonel BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yamenyesheje ko abo barashe abasuma bariko bagerageza kwiba mu mihana yegereye iyo kambi, ariko bateshwa n’abasirikare bariko barakizura mw’ijoro ryo kuwa 23 Nzero 2017, nk’igihe c’isaha umunani n’iminota 30.


IGIHE

Messages

  • Igihe iryo shirahamwe muburundi mumenye koritakibaho rero uyo mwicanyi pacifique yahenze abana abajana mymugumuko ntaburenganzira afise bwokuvugira umuntu numwe

  • Kutesa ni kwa zam kabusa niko mugiswahili bavuga.ibi bihe binyibutsa benewacu wabatutsi bagifise ubutegetsi mu myaka ya 70,80 ,90 ukuntu bigenza sagaseseshwa rumuri ivyamoko ntivyari ibinyegezwa.rero ibiriko bibashikira muri bino bihe nimbuto mbi basize bateye mubahutu. Icaje nukuvyunyura nuyo Nkurunziza yihahe ikiringo kandi haciye Havyuka ntivyari vyaboze. Sinzi ukuntu bizohera. Ariko ico nshatse kuvug nuko iyo uteye umbuto yugwanko canke yamacakubiri mubana canke abavukanyi inyungu yavyo niyo

  • Umunywarumogi ntajambo agifise muburundi ahubwo turasavye trump aze amurungike ino arya maso yanuhereyeko twimenyere ico tuyakoza.araza ababuranire kuri terrain apana kubavugira kuma rezo socio niho twomwera iyo ntozo.

  • None amakuru y’igisirikare n’Umutekano vy’Uburundi twobibaza Colonel Gaspard Baratuza canke Pacifique? Ubwo Pacifique guhagarara mu Bubiligi akavuga ibintu nk’ivyo, ntimwumva kw’ar’insaku n’ibihuha? Ewe Pacifique, amenyo nayo burya ngw’araguseka ar’ayawe? Mu Burundi bwa Nyaburunga nta Focode tuzi. Ivyo biragusha!

  • Uyomugabo Narire Yihanagure Abateyikambiyamukoni Bakwiye Gupfa . Niyompemboyabo

  • Pacifique uri ntwari. Abo ba dd batishe ntibaronka itiro. Ivyo bigugu vyaratwiciye igihugu none u Burundi bugiye gutungwa n’imisururu. Abo bose mwicisha aba ex-fab ntimugire ngo ntitubazi. Ayo maraso musesa mugaca mukwiragiza isi yose ngo igisirikare ngo gifatanye munda. Mumenye ko muzovyishura mwa bicanyimwe. Abo basirikare bazira ko ari abatutsi ntakindi.

  • Iyi mujeri ngo ni Pacifique muyivane kuri uru rubuga ndayirebye ndaruka. Izamoka kugeza ishizemo umwuka.

  • Ndabaza abajejwe ikikinyamakuru igihe, FOCODE nishirahamwe ryemewe muburundi?
    Nimbaritemewe mwebwe muryitagute ngwishirahamwe FOCODE ngoryavuze ibinibi? Mubona mudashobora kwikwegera akarambaraye?
    Rekandabirekere ababijejwe nzobigarukako mbanje kwumva ivyanyu ahobigeze.
    Kuko mubonekana nkabatemera ivyavuzwe na reta yuburundi koyahagaritse FOCODE.

  • Ntamuvyara,kunaga,yinyama,peteroNKURUNZIZA,Ntabihanganira,kuko,barahembwa,ico,mpanuye,abasoda,nabapolisi.Nibarye,ivyabo,ibisaka,vyimbwa,vyarahiye!!Canke,uwo,kananiye,atatahe,muhira,aje,kurima.

  • Mutama Pacipique, duhashirize izo DD kugeza zitaye zikomoka nkukwo mu Rwanda bomotse none ubu abategetsi bose bakomakomeye basigaye biganjemwo intore.

  • iyo ni inkuru ibabaje naho twese abiyita abarundi bumutima tutayumva kumwe.tumenye ko abafashwe bose atari inkozi zikibi. nibaza ko atawota agati muryinyo ngo ndumugabo kaminuza"wishe uzokwicwa,uhohoteye uzohoterwa, udendereje uzodenderezwa,ufashe uzofatwa. ubabariye uzobabarirwa,uvuze ukuri bazokukuvugira.burya umuntu apfa rimwe gusa.imana irishura.AHO KURONDERA AMAHORO DUKOKEZE UBWICANYI? TUBUHE IKIBANZA? IBAZE NAWE USOMYE IBI.WIYISHURE.

  • Nashaka kwishura umuntu avuze ngo Pacifique ni Mujeri, jewe nibaza ko uwabivuze ubwenge budakwiye neza kuko Ukuri kuraryana, Pacifique yavuze ukuri udashaka ko kuja ahabona, ariko umenye ko vyose bizoja ahabona. Imana ninkuru. Hanyuma ushaka kudahwa genda udahwe ntawukubuza, kandi ntakibazo ufise ndabona ko ubutegetsi bugushigikiye. Ariko ijambo rya nyuma niryo Umuremyi wa twese

  • je nibazako focod, ariyo yatumye abo basirikale nabapolici, gutera iyokambi! none bakaba bafashwe bakazohava bamena ibanga. ry’uwabatumye. none ga pasifique wibazako aryamasasu barasa ntiyica? canke bariko barakina ubuheze? noneho turura uwutahiye yababutse kandi uwuzokwisuka kunzego zumutekano. azogwa agaramye. ntimwitwaze ivyubututsi.

  • Icogitero categuwe na CDD FDDD barondera ingene bogandagura abatutsi bari mugisirikare,nuburyo botangura gukora ihonyabwoko ryabatutsi. Ivyabo vyamenyekanye kera.

  • Nonuwo Ashakamazina,ngwayakoziki? C’ankeniwe Yariyabatumye? Nuwo Nawe Nukumurabisha Ijisho Ryubwenge.

  • Ubundemeye kobabantu batera baribarungitse na Pasifike akoresheje kubaha amahera nawe yahawe naba Biligi canke ubumwe bwa Bulaya bwataye umutwe kuko vyabayangaranye ivyogushikiriza uburundi ngo burongirwe nuwobashaka ,none kugera uyumusi amahera baribapanze yokugira babebamaze gushiraho indongozi bashaka amaze kwikuba incuro 7 kandi vyabayangaranyegose bimwe bitaribwigere nibaza Kira!
    Nizereko mubonyeko haribihugu muri Africa bishobora kubajwingiriza kumutaga amakungu abona.
    Burundi komeraaa!
    Abarundi komeraaa!
    Abashinzwe umutekano mu Burundi ba bahashe mubemeze aboba Biligi nabobafatikanijee!!!
    Burundi hasha abobakoroni twarikukiye.

  • Pacifique ni MUJERI yujuje ibyangombwa. Impene.com

  • Iyi mujeri Pacifique itera umwaku gwose.

  • Akagabo kitwa Pacifique K’umusega karamoka sana !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.