Accueil > Amakuru > Mu makungu > FORD yahagaritse umugambi wo kwubaka ihinguriro muri Mexique
FORD yahagaritse umugambi wo kwubaka ihinguriro muri Mexique
mercredi 4 Nzero 2017
Ihinguriro rikora imodoka Ford ryamenyesheje ko umugambi wo kwubaka ihinguriro ryayo mu gihugu ca Mexique uhagaritswe,kuva aho Donald Trump atorewe kuba umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ford yategerezwa gushira amafaranga arenga umumiliyaridi umwe n’igice w’amadorare y’abanyamerika mu nyubako y’ihinguriro i San Luis Potosi,igatanga kandi akazi ku bakozi 2800.
Amafaranga yokoze mu kwubaka ihinguriro rya Ford mu gihugu ca Mexique azoca akoreshwa mu kunagura ihinguriro ryo muri Reta ya Michigan ryakozweko cane n’ihungabana riri mu mahinguriro kandi yagize uruhara runini mw’itsinda rya Donald Trump.
Mu ntumbero yo guha agaciro ihinguriro Ford,Donald Trump yamenyesheje ko agiye kurihisha amakori manini irindi hinguriro rikora imodoka General Motors,ku modoka ryinjiza ari nka hamwe ryokwanka gukorera imodoka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igihugu ca Mexique kimenyesha ko kibabajwe niyo ngingo ya Ford, ico gihugu kikamenyesha ko ingingo yo kwubaka ihinguriro ataco yo kwonona ku bakozi bakorera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
IGIHE
Messages
4 Nzero 2017, 12:51, par Erick
Murekenabobaratanguye
4 Nzero 2017, 15:21, par JEAN
AHUBWO IRYO HINGURIRO NARIZANE MUBURUNDI KUKO INSTINZI YIWE TURAYISHIGIKIYE .
4 Nzero 2017, 15:23, par JEAN
AHUBWO IRYO HINGURIRO NARIZANE MUBURUNDI KUKO INSTINZI YIWE TURAYISHIGIKIYE .