IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Faustin NDIKUMANA: “ Kuva mu 1962 gushika 2018 ,Uburundi bwagumye mu (...)

Faustin NDIKUMANA: “ Kuva mu 1962 gushika 2018 ,Uburundi bwagumye mu bibazo.”

Saturday 7 July 2018, by vianney

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA amenyeshako mu cigwa bakoze kubijanye n’intwaro mu vya poritike hamwe n’iterambere mu butunzi basanze kuva ku ntwaro ya cami hamwe n’izindi ntwaro zagiye zikurikira basanze hagiye haraba ingendo mbi zo kwikunda bituma abanyagihugu baguma mu bibazo bitandukanye nk’ubukene,gufungura nabi hamwe no kudatera imbere.

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru mu nama yo guhahana ivyiyumviro kuruyu wa gatanu, yatunganijwe n’ishirahamwe PARCEM kubijanye n’uko intwaro muri poritike hamwe n’iterambere mu butunzi vyifashe kuva Uburundi bwikukira, gushika igenekerezo rya 1 Mukakaro 2018.

Faustin NDIKUMANA avuga ko ivyakozwe mu myaka yahera vyokosorwa kandi kw’icigwa bakoze gikwiye kubera akarorero abanyeporitike mu guhindura ingendo , umunyagihugu nawe akigishwa kugira amenye ivyo uwumurongoye abwirizwa kumukorera.

Paul NGARAMBE ari mu bitavye iyo nama yamenyesheje ko abanyeporitike bakwiye kwifashisha kahise k’igihugu c’Uburundi kugira bafashe abandi guhakura icigwa mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihari.

Pierre Celestin NDIKUMANA kubwiwe yavuze ko intwaro mu bijanye na poritike vyategerezwa kuba akaryo ko gushiraho indinganizo nziza ifasha abanyagihugu muvyo bakenera ariko abanyeporitike benshi babifata nk’akaryo ko kurondera amaronko.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • ikibabaje nuko nawe uhashitse wohera ku guhindura ivyo mu rugo rwawe gusa.

  • Vyukuri biragaragara ko kuva imyaka 56 ishize Polotique,ubutunzi,agateka kazina muntu n’intwaro ibereye atako vyifashe.Uburundi biragise ibikwiye vyose kugira butere imbere,habuze ishaka ry abategetsi ,nko gushiraho intwaro ibereye ikava mu mpapuro bikaja mu bikorwa.Aho twovuga kurwanya ninguvu igihugu gifise ikintu bita igiturire no gusesagura amatungo ya leta.Kubahiriza agateka kazina muntu,biratangaje imyuma y imyaka 56 umunyagihugu agifatwa akabohwa agakubitwa gushika aho araba abikorewe n umuntu kuko ari umukuru w umutumba,chef de zone,umukuru w umugambwe,urwaruka rwegamiye imigambwe ariko abo bantu ntihagire inzego zibizezwe zibakoma.Inyuma y imyaka 56 umuntu ahagaritswe na police akagenda imwicaye ko mu za modoka zabo kandi umuntu ataracibwa urubanza aba ikiri umwere.
    Inyuma Y imyaka 56 twikukiye turi mu bihugu 3vya mbere kwisi birya igiturire ,bikenye bihungabanya agateka kumunyagihugu kandi igihugu gifise inzego zose zikwiye.Abaramutswa igihugu murakwiye kwikangura mukore ivyo mutegerezwa tuve mu menyo y’abatwenzi ,dutsbataze iyo ntahe atawandya wangura

  • Twebwe abarundi icotumaze kubona catumye tutisununura kuvatwikukiye twafashe umwansiwacu ruharwa arinawe yadukoroneje Ububiligi maze kuvatwikukiye dukomezaza tubwita umukunzi wambere asumba abandibose. Ubwo Bubiligi ububibwabwo igihecose haboneka umutware abonekakwashaka gutezimbere Uburundi bacabarondera akarwi kabarundi kakamugatura, (Rwagaso,Ndadaye,na Nkurunziza murabona ukwobamwamwanka urunuka)

  • @Twaje, gendandakwemeye uravuze ukuri, kuko nuwo murundi mwenewacu Faustin Ndikunana, harigihe azokwisanga arimubasubiza inyuma igihuguciwe Uburundi nacanecane niyaba afise intumbero yokuvuga imvugo inezereza aba koroni, burya umukoroni yavyugariye mukutugenera imfashanyo iyonayo yoza ubwonko abenegihugu kuburyo usanga batubaha ibivugiwe mugihugu cabo arikobakubaha ibivuzwe nabamwe batanga imfashanyo kugihugu cabo, imfashanyo uyitoye udafise igigaruro iragutesha agaciro nogutera imbere ntibishoboka none uburundi ntibumaze imyaka irenga 50 bufashwa none ubona tutari mubihugu vyambere mugukena! Uwutegereje gutezwa imbere nimfashanyo yaba koroni ntumbaze.

  • Haraho murigeramwumva uyumugabo avuga amabi namarementanya bamwe mubazungu bakorera Uburundi? Mwenabo ntibabayeho ubu nomugihe ca Rwagasore baribariho ntibavuga amabi yabazungu ahubwo bakomeza kwibanda kubakorana na rwagasore . Bibarivyiza iyomubamuvuga ibidakorwaneza nabarundi benewanyu mukongera mukereka nabaryabakorone kobafise ububi bobonekera mumvugo zabi bitwaje kobaba badufasha, utabibabwiye kobafise ububi uba urigisigazwa caba PDC.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.