Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Filipine: Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye gufasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Filipine: Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye gufasha (...)

Filipine: Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye gufasha kurwanya intagondwa

samedi 10 Ruheshi 2017

Nkuko tubikesha I radiyo y’Abafaransa RFI , ubuserukizi bwa Amerika muri Firipine bwemeje amasezerano yo gufashanya na Reta ya Firipine mu bujanye no kugaruza igisagara ca Marawi cigaruriwe n’abarwanyi bacuditse hamwe na Reta yiyitirira iy’aba Isiramu.

Igisirikare ca Firipine camenyesheje ko ayo masezerano ari ayo gufashanya mu buhinga n’ibikoresho gusa ko ata musirikare wa Amerika azogwana .

Mu ngwano zimaze hafi indwi irenga , abasirikare ba Reta bamaze guhitanwa n’izo ngwano bashika ku 58,abanayagihugu 20 hamwe n’abarwanyi amajana , harimwo abashika kuri 13 bishwe kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017.

Mwomenya ko Abasirikare ba Amerika batanguye kuba murico gihugu kuva mu mwaka wa 2002 naho Abagwanyi biyitirira Reta y’aba Isiramu bakaba bigaruriye igisagara ca Marawi kuva kw’igenekerezo rya 23 rusama 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.