Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Filipo Nzobonariba : "Reta y’Uburundi n’umuhuza ntibazi urunani (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Filipo Nzobonariba : "Reta y’Uburundi n’umuhuza ntibazi urunani (...)

Filipo Nzobonariba : "Reta y’Uburundi n’umuhuza ntibazi urunani CNARED"

lundi 9 Nzero 2017

Inyuma y’aho urunani CNARED rumenyeshereje ko rutazokwitaba ibiganiro bizotumwako n’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa,umuvugizi wa Reta y’Uburundi akaba n’umunyamabanga wayo amenyesha ko Reta y’Uburundi n’umuhuza batazi urunani CNARED.

Filipo Nzobonariba avugira Reta y’Uburundi

Kubwa Filipo Nzobonariba avugira Reta y’Uburundi, urunani CNARED n’ishirahamwe ryemewe n’amategeko y’igihugu c’Ububiligi kandi ry’ababiligi.

Filipo Nzobonariba amenyesha ko kuvuga ko CNARED itazokwitaba ibiganiro bihagarikiwe na Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya ,ivyo biraba igihugu gihaye indaro abagize urunani CNARED.

Ku bijanye n’aho Reta ihagaze ku kwitaba ibiganiro, Filipo Nzobonariba avuga ko Reta y’Uburundi izokwitaba ibiganiro birimwo abarundi bose bakunda amahoro, havuyemwo abakora ibikorwa vy’ubwihevyi n’ubwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Yabivuze neza rwose. Niba bashaka imyanya nibayisabe muri leta y’ababirigi kuko aribo bashinze iryo shyirahamwe. Muburundi CNAREC ntamuyoboke igira .

  • CNAREC ni urunani rwashizweho n’abakoloni muri ya ntumbero yo kongera gukoloniza uburundi. Niyo mpamvu ubu ibarizwa mumashirahamwe y’igihugu c’ububiligi.

  • ekantiyihenze uwamayicaye mukigo wumvayomenyanagutenuwurikwirembo! mbe uwomuhuza abahendangomurikumwe mukemera abarundintabwenge!!kuruhandegwiwe mwemerako abahuza muvyanka azogumayahembwe nohomwogombamukamarana

  • Mbe burya CNDD ikigwana yari yemewe na leta y’u Burundi?reka reka muzoteba mubahamagare mubisemba twe hano inzara igomba idukureho nawe wishinga uvuga ayamuhe kuko uba uhaze,ariko aho ntimubona ko muriko murica abanyagihugu kubera izo nda zanyu zituzura!!

  • CNARED n’umugwi wabihevyi baje bazananye mubu biligi,ndawugereranya na ALICAIDA,ALSHABBAB,ntayo dukeneye ngaha iburundi iwacu,nigende iwabo w’abazungu bababiligi.

  • ko bikumiye ngo aba birigi ngo bazobashira kubutegetsi babanje gutembagaza intwaro twitoreye . abo ntaco bamariye abarundi abo ni hovyo !

  • UWOMURWI,WIYITIRIRA AMAZINA,NGO:NICINARD,KOWIYEMEJ,KUGUMA,MUBUKORONI,BWABABIRIG,NUTWARIR,MUBIRIGI,NYEN,NAYO UBURUNDI,BURAFIS,INTWARI,IBISHOBOYE.

  • At Isaa, CNDD yariyara kunisekudeta irabapfana?
    Nimbabatabikoze ubagereraniriza iki nabagerageje gukobirakudeta?

  • UKO NUMVA IBI BINTU BIZOHAVA BISUBIRA KWIHINKUMBI HUBWO RETA YO RABA IBISHOBOKA ABANYAGIHUGU TUKARONKA AMAHORO!

  • UKO NUMVA IBI BINTU BIZOHAVA BISUBIRA KWIHINKUMBI HUBWO RETA YO RABA IBISHOBOKA ABANYAGIHUGU TUKARONKA AMAHORO!

  • DD yatanguje ubuhiri,imbugita..,mugabo bavuga ko ari akagwi k’abasuma.rindira rero CENARD iduhok kuk vyose ni NKURUMBI arik arabigira.uwuzi nuko turiko turicwa na kigoyi nawe arara yahimye nyakubura amahoro kw’isi,mw’ijuru,mubantu no mu makungu kandi amaraso ya bene BURUNDI azomuhumire.

  • Ewe Filipo Nzobonariba nukuri udusaziye nabi! ngo CNARED nurunani rwiburayi!? umweniwe yavuze rwiyumugabo yahivye, ahimba icoyimena,burya nicutamenya CNARED iringaha muburundi kuko abarundi isinzi bayishigikiye baraha muburundi, iyuba waruzi icukwiye kuvuga wovuze make. Nayabicanyi,aribo wise abihevyi, nimwebwe, mwakwigize karuhariwe mukwica abomudasangiye ubwoko, none gawamutama ababantu birirwa barafatwa bakinjizwa mubusho, kumugoroba bagatwarwa gukererwa amazosi naboba porisi, bukeye bagatorwa ibiziga mbega CNARED niyo ibakura mubusho ikabica? Nkubaze kandi mbega kwabantu beshi bagizwibimuga muguhimburwa amagara, abandi baterwa ishinge zubumara mbega ni CNARED, iriko irakora ayomabi?! ndakubaza kandi, aba bakenyezi birirwa barafatwa kunguvu ni gi porisi nimbonerakure, mbega ni CNARED?. Kubwivyo mwebwe nabomufatanije murarengeye kwitwa abihevyi. Izina mwarimukwiye kwitwa shetani yarakwiye kuritangaza kuko urazikumukorera bikwiye.

  • CENARED yaravumwe izorwa mû bubirigi ihambwe mû Rwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.