Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fiston ABdul Razzak yoba agiye gukina mu gihugu ca Angola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Fiston ABdul Razzak yoba agiye gukina mu gihugu ca Angola

Fiston ABdul Razzak yoba agiye gukina mu gihugu ca Angola

mardi 5 décembre 2017

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya aho Fiston Abdul Razzak yari yitavye inkino za CECAFA, amenyesha ko uwo mukinyi ahejeje gukina urukino rwahuje Uburundi n’Ubuganda yaciye aja ku murwa mukuru i Nairobi gufata indege imushikana muri Angola.

Gushika ubu umukinyi Fiston Abdul Razzak yirinze gushikiriza umurwi agiye gukinira, ariko bivugwa ko ari umurwi wo mu cicaro ca mbere.

Amakuru ava mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba, amenyesha ko Fiston Abdul Razzak ashobora no kudakina urukino ruzohuza Intamaba mu Rugamba n’igihugu ca Etiyopiya kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2017.

Fiston Abdul Razzak yarakiniye imirwi yo mu Burundi nka LLBS 4 Africa, Sofapaka wo muri Kenya, Diables Noir wo muri Kongo Brazaville, Mamelody Sundowns na Celtic Bloemfontein yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.