Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fizzo ft Peter Niyo: Amajambo baririmba ntahuye n’ibiboneka mw’isanamu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Fizzo ft Peter Niyo: Amajambo baririmba ntahuye n’ibiboneka mw’isanamu

Fizzo ft Peter Niyo: Amajambo baririmba ntahuye n’ibiboneka mw’isanamu

lundi 7 Myandagaro 2017

Inyuma yo gukorwa n’abahinyanyuzi Guy Marley na Nick sad, isanamu y’ururirimbo "Warahindutse" imaze umwanya muto ishizwe ku mugaragaro. Isanamu ivugwamwo umukobwa yahindutse. Ivyo tuvyumva mu majambo ya Peter Niyo aho agira ati : "Ndakwibuka kera uko wari umeze, wari ishurwe rizira kwuma mu bihe vy’impeshi, wari amazi yo kw’iteke atari ay’inzuzi...none usigaye warahindutse, ntukinyerekwa namba. Nipfuza kumenya icabuze".

Dufatiye muri ako gace, uravye mw’isanamu haboneka Peter Niyo ari kumwe n’umwigeme basa n’abariko bayaga bongera batwenga.

Eka na Fizzo aririmba abaza icoba catumye uwo mwigeme ahinduka. Kiretse agace gato kaboneka Peter Niyo n’uwo mwigeme asa n’uwushavuye, ntahandi biboneka ko uwo mwigeme yoba yarahindutse ugereranije n’uko Fizzo na Niyo bamuzi kera.

Tubamenyeshe ko iyo sanamu "Warahindutse" isohotse inyuma y’ikiringo gito cane, Fizzo asohoye isanamu y’ururirimbo "Urambabaza". Vyumvikana ko Fizzo ariko akora cane muri iyi minsi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.